Site icon Itara Burundi

Burundi: Musitanteri w’i Gishubi « yafashe ingingo zihonyanga akateka ka zina muntu »

Ingingo Marie Chantal Nduwayezu, Musitanteri wa komine Gishubi intara ya Gitega yafashe ngo muntumbero y’ukurwanya ingeso mbi y’ubuhumbu, uguharika ,ugucikira ni uguhonyanga akateka ka zina muntu nk’uko umushingwamanza yavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi yabivuze.
Uwo mupfasoni asanzwe ari Ijisho ry’umukuru w’igihugu muri komine Gishubi yo mu ntara ya Gitega, yashinze ingingo mur’ino minsi ivuga amasaha ntarengwa abagore n’abakobwa bategerezwa kuba bavuye mububare kandi ko abazofatwa bariko basororerwa n’abagabo atari ababo bazocirwa amande.
Yashinze amande ari hagati y’ibihumbi cumi na mirongo ibiri y’amafaranga y’amarundi bivanye n’ikosa bazoba bafatiwemwo. Aho harimwo n’imisore n’inkumi bazofatwa mumasaha y’ijoro bariko baratembera. Eka n’imanza z’ijoro avugako zitemewe.

« Izo Ngingo uwo Musitanteri yafashe zihonyanga agateka ka zina muntu »Nkuko bishikirizwa n’umushingwamanza yavuganye natwe. Ariko aravuga ko ingingo ya gatandatu murizo yoyo yumvikana iyo nayo ikaba yabuza abagurisha amatongo hatarimwo abajejwe intwaro bo hasi.
Abasomye iryo tangazo bagatangazwa n’ingene ingingo nk’izo zofatwa n’umukenyezi mugihe bavuga ko zirimwo ikumirana rirengeje urugero.

Quitter la version mobile