Site icon Itara Burundi

Burundi : #CORONAVIRUS: Ubwoba mw’ibohero rikuru ry’i Muyinga

Inyuma yogupfunga apolisi babiri no gufatirwa ingingo zo kutagemurirwa mundwi iheze, haradutse ingwara itaramenyekana mw’ibohero ry’i Muyinga aho abantu bane bamaze gufatwa, umwe ndetse akaba yarapfuye ejo ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11/4/2020.

Abo bapolisi bapfunzwe bagirizwa umwe kuba yatorokesheje umuntu mubari bashizwe ukwabo kubera bari bavuye hanze batarakwiza imisi 14 isabwa kugira bakinge ikwirakwizwa ry’ikiza ca CORONAVIRUS(COVID19), uwundi kuba yariye igiturire c’amafaranga ibihumbi mirongo itanu (50000FBu) c’uwavuye hanze kugira ntaje kumara imisi 14 ukwiwe, icateye ubwoba abanyororo ko ari hamwe abo babonanye n’abapolisi boba bari bagwaye ko ico kiza coca kibatikiza bose.

Ubuyobozi bw’amabohero nabwo mugukingira abanyororo ico kiza bukaba bwarabujije ababagemurira abanyororo mu gihugu cose, ico naco kikaza cunyura ubwoba abanyororo bafise bavugako narirya hari hasanzwe ubukene bw’ibifungurwa, inzara bafise ari hamwe CORONAVIRUS ihashitse hogwa ibara.

Amakuru ashikira ikinyamakuri Itara Burundi akavugako ubwoba bwongerekanye aho mw’ibohero ry’i Muyinga aho hadukiye ingwara itaramenyekana, abanyororo bane bakaba aribo bamaze gufatwa, badahwa, bajanywe kwa muganga umwe akaba yaciye yitaba Imana ejo kuwagatandatu.

Abanyororo bakaba bagasaba abajejwe amabohero n’amagara y’abantu kuhashika bagapima abo bagwaye ko atoba ari ikiza ca CORONAVIRUS cahashitse cankeko boba bariye ishano, bagasaba kandi ko mugihe reta itarafata ingingo zikomeye kubarundi bose yofuta ingingo ibabuza kugemurirwa n’imiryango yabo kugira bagingire amagara y’abasihaye.

Quitter la version mobile