Site icon Itara Burundi

Burundi : Umubano N°011 Abigeme/abasore babuze abo bubakana boba bakeneye impanuro nyabaki?

Biramenyereweko umwigeme/umusore abengutswe/abegutse agira abahanuzi benshi ariko akenshi ntihaburamwo abashaka kumwicira. Kuber’iki abigeme/abasore bashobora gusazira iwabo ntihagire uwubaha impanuro zibereye kugira baronke abo bubakana ariko abagire bashinge urugo akaba aribo baronka impanuro nyinshi?

Uburyarya, ishari, kudatera imbere mu vyiyumviro vyoba biri mubintu akenshi abantu bagendana bigatuma birengagiza kubwizanya ukuri ;

« Yooo uraberewe !

Uri mwiza !

Sha usa neza !

Ndagukunda!

Usorora nk’umugabo!… ”

Ayo ni amajambo akeshi ashobora gukoreshwa mu uburyarya.

Abantu turakwiye kwiga kuvugana ukuri: umwigeme/umusore yambara nabi,  anuka mukanwa, uwunuka igikakwe,  avuga menshi(kuregeteza), akora ikibi,  abesha…. Ukamwegera ukamubwira ukuri bikunze ukamuha impanuro uko yobigenza kugira abantu ntibabifatireko mukumubenga nubwo ushobora gusanga uciye ucika umwansi wiwe.

Akenshi rero abigeme/abasore bagira abagenzi babi kukubera batababwiza ukuri,bigatuma batikosora, biranashika ben’abo bagenzi ugasanga baruswe n’abansi babo kuko bobo bashobora kubabwira amajambo bibazako abasubiza hasi ariko bagasanga bibafashije kwikosora, ejo bagasanga bihoye ubusa bararonse ingo kandi nziza.

Ibi harico bigufashijije? Ntabiragushikira? Ntanaho uravyumva?

Dusangize ivyiyumviro vyawe ubisangize n’abandi.

Quitter la version mobile