Site icon Itara Burundi

Burundi : Umukozi w’iperereza ararembeje abanyororo bo mw’ibohero rikuru rya Ngozi

Mugihe yagirizwa ubusuma bw’igitoro, Habimana Victor batazira Ndakugarika yinjijwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi ku musi wa kane igenekerezo rya 31 nzero 2019.

Uyo mukozi w’iperereza ry’umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza mu ntara ya Ngozi, mu buraruko bw’uburundi amaze gufatwa ntiyigeze yerekanako aje gupfungwa nk’abandi ahubwo yashaka kwemeza abo ahasanze ko abandanya akazi kiwe bivugwako atarasanzwe yoroshe atarapfungwa, ari naco catumye aronka iryo ritazirano twababwiye.

Nk’uko amakuru abandanya adushikira abitumenyesha,  ku musi wejo igenekerezo rya 01/02/2019 abanyororo bandi biriwe mu ruhagarara avugako yinjijwe kugira akoreigikorwa co  kubasaka, nabo bakanana. Basaba ababijejwe  kumusubiza ku murongo akubahana n’ abandi banyororo, umutekano w’abanyororo ukabandanya ugacungerwa nk’uko vyahora.

Quitter la version mobile