Mu cegeranyo casohowe n’ishirahamwe ry’abantu b’intungane, RCP cerekeye imyiyerekano yabaye mu Burundi mu mezi abiri aheze, bavugako umukuru w’igihugu yasavye abarundi kwitegurira intambara no kwigura igihugu.
Ico cegeranyo casohotse kw’igenekerezo rya 8 nzero 2019, kivugako mu kwezi kw’icumi na rimwe 2018, inyiyerekano yama iba uko uwagatandatu utashe yahuriranye n’indwi yahariwe umugwanyi, yahimbajwe n’abahoze bagwanira FDD.
Rikavugako kabaye akaryo ko gushikiza amajambo y’iterambwoba yateye ubwoba abatavuga rumwe na reta.
K’umusi wo gusozera iyo ndwi yahariwe umugwanyi, umukuru w’igihugu akaba yahamagariye abanyagihugu kwitegurira kugwanira igihugu, no ku cigura bakacigura nka Bihome, Rwagasore n’abandi nk’uko tubandanya tubisoma mur’ico cegeranyo.
Ishirahamwe RCP rimenyeshako mur’iyo ndwi yahariwe umugwanyi, abahoze ari abagwanyi ba FDD n’imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi bambara imyambaro y’inzego z’umutekano bakongera bagatambuka gisoda imbere y’ishengero ry’abantu izuba riva ataco binona.
Ishirahamwe RCP ribandanya rivugako mu kwezi kwa cumi na kabiri naho imyiyerekano yar’iyo kwiyamiriza abiswe « Abansi b’igihugu ». Aha bakavuga abiyamirijwe ko ari: uwutwara ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, umukuru w’igihugu ca uganda Yoweri Kaguta Museveni, akaba n’umuhuza mu matati y’abarundi kamwe n’abandi. Bose bakagirizwa ko bisuka mu mw’itunganywa ry’igihugu kandi carikukiye.
Ishirahamwe RCP rimenyesha ko reta y’uburundi igerageza kwikurako amabi ikora ikarondera kuyata ku ma reta n’amashirahamwe vyo hanze aho gutora umuti w’ingorane itera yo nyene.
Ishirahamwe RCP ntiryasize inyuma ivyerekeye amakete cayice ku mbuga ngurukana bumenyi yahanahanywe hagati y’abakuru b’ibihugu vya uganda n’uburundi aho nk’iryo Petero Nkurunziza yaronse ryarimwo impanuro, ariko reta y’uburundi ibonyeko ataco yoshikiriza igaca ishima guhamagaria abanyagihugu mw’ibarabara.
Ico cegeranyo kivugako imyiyerekano yabaye mu kwezi kwa cumi na rimwe n’ukw’icumi na kabiri yatumwako n’abajejwe intwaro ndetse n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu no gukundisha igihugu itunganijwe n’umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi ikabera igihugu cose.
Iryo shirahamwe ryarangije rapport yaryo rihanura reta y’uburundi gusubiramwo amajambo ashikirizwa mu myiyerekano kuko ayashikirizwa arayo kubiba urwano,
Kwirinda amajambo ateranya uburundi n’amakungu hamwe no kurekera umwidegemvyo abanyagihugu bataba bipfuza kuja mu myiyerekano itumako.
Risaba ayandi mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike kwama na ntaryo aharanira agateka ka zina muntu
Rigahanura abanyagihugu kwama bafatanye mu nda badoma urutoke kw’ihonyangwa ry’agateka ka zina mu ntu rigirwa n’ubutegetsi.
Bandanya musome raporo yose mufyonze ngaha.
Canke k’urubuga rw’iryo shirahamwe RCP arirwo www.rcpburundi.org/