Site icon Itara Burundi

#Burundi: Umuntu umwe wo migihugu ca Suède yaheruka kugendera uburundi yapimwe indwara ifise ibimenyetso nk’ivya Ebola.

Ikinyamakuru mpuzamakungu Reuteur dukesha iyi nkuru canditse  kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 4 nzero 2019, ko hari umugabo akiri muto wo mu gihugu ca suede yapimiwe  mu bitaro vya Uppsala University Hospital indwara ifise ibimenyetso vya ebola amaze indwi nka zitatu avuye mu Burundi.

Kikavugako ko naho biruko mu Burundi atandwara ya ebola yari bwahavugwe mugabo ko mu gihugu kibanyi ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, RCD iyo ndwara imaze guhitana abantu  356 kubashika 585 bavugwako bafashwe n’iyo ndwara.

Tubamenyesheko mu bimenyetso vy’ico kiza harimwo ; kwumva agaseseme,   kumeneka umutwe, agakorora, kuva amaraso ahantu hose hari intoboro, uburuhe bw’umwanya wose, ubushuhe giturumbuka kandi bukaze, kudahwa no gucibwamwo.

Twobabwirako candukira biciye mu nzira zikurikira; gukora ku cuya, amate, amaraso, amazirantoke, amaberebere, umukoyo, intanga, amosozi, ibiseru n’ibindi biva mu muntu yanduye yaba akiriho canke yapfyuye, kurya inyama z’ibikoko vyanduye kandiko uwegereye kwa muganga yomenya vyinshi ku bijanye n’ico kiza birenga kur’ivyo twabatohoreje.

https://web.facebook.com/ItaraBurundi2014/
https://itaraburundi.com/
Quitter la version mobile