Site icon Itara Burundi

Burundi : Umunyagihugu wo mu Kamesa yoba aheruka kwubaka kukinogo rusangi c’abantu bari hagati ya 40 na 70.

Muri karitiye ya Kamesa ya kabiri, kwihuriro ry’amabarabara(rond point) aho bita mu gishinwa,zone Musaga, komine Muha iri mu gisagara ca Bujumbura haravurwa umuntu yoba aheruka kwubaka uruzitiro(Cloture) ashirako n’amabutike mu kibanza coba gihambwemwo abantu bari hagati ya 40 na 70 bishwe mu ntambara yabaye hagati ya 1993 na 2003.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, ico kibanza coba ar’ic’umukozi wo mw’ishirahamwe ryo gutegekaniriza abagira impanuka SOCABU. Twarabuze uwo muntu ngo tumubaze neza uwo bahaguze tunamenye n’icoba caratumye bahagurisha kandi baziko hahambwe abantu turamubura ariko ico twashoboye kwumva n’uko bivugwako atigeze amenya ko ico kibanza coba gihambwemwo abantu, ikimenyamenya bavugako kubera umugambi yarahafitiye yoba yaranse kuhagurisha kandi hari abamuha amafaranga menshi.  

Amakuru dukura ngaho mu Kamesa ya kabiri, avugako abo bantu boba bahahambwe bishwe hagati ya 2000 na 2003 ahitwa mw’i kora muntambara zabereye mumicungararo zigahitana abantu benshi.

Abanyagihugu bagasaba umugwi washinzwe na reta wo kuvugana ukuri no kurekuriranira CVR ko wofasha kugira abo bantu bashinguranwe iteka, uwo yahaguze nawe bakamuronderera ahandi kugira ntabubakire kubantu babo. Bagasaba uwo murwi kurondera vuba ibindi binogo vyoba bihambwemwo abantu benshi bishwe muntambara zabaye mu burundi gushika ubu.

Kakavugako biramutse bitowe ababishe bakihari, n’ukuri kwomenyekana vyoroshe, abanyagihugu bovugana ukuri kanatsinda n’amasura yoba akihari, eka no kurekurira uwo ubona ngo vyoba vyoroshe kurusha kwumva ngo sekuru wa naka niwe yakwiciye abantu kuko atari ukwinubana ataneza babibonamwo mugihe abantu badatekaniwe.

Bagahanura umurwi CVR  kurondera ibinogo rusangi vya vuba, ikazohereza kuvyakera kugira ibisagara biguma vyaguka ntibazosange vyubatsweko amazu y’imiturirwa ngo n’ibimenyetso bizimangane uko imyaka iba myinshi.

Tubamenyesheko hirya no hino umurwi CVR, umaze imisi uzura ibisigarira vy’abantu bishwe muntambara zabaye mu Burundi kuva mu ntambara zabaye mu mwaka wa 1972. Hakaba avavugako uwo murwi atabuhinga buhagije woba ufise bwo kumenya umwaka umuntu aba yarapfiriyeko bakagira n’amakengako ushobora gusanga uriko ukoreshwa mukuzimanganya ibimenyetso vyose vyokwerekanako umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi woba warishe abantu ukiri mw’ishamba.

Quitter la version mobile