Site icon Itara Burundi

Burundi : Umushikiranganji w’amagara y’abantu asaba amashure y’imyuga ko yoyahindura ibitaro.

Mw’ikete yandikiye umushikiranganji w’indero, amashure y’imyuga n’ubuhinga kw’igenekerezo rya 09/12/2019, Dr Thaddée Ndikumana asaba amashure y’i myuga yo ku Ntega mu Kirundo hamwe n’igice c’itongo caryo ngo ahahindure ibitaro ry’akarere ka Vumbi.

Iryo kete N° 630/6493/CAB/2019 umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya SIDA amenyeshako mukuryandika yishimikiza iryanditwe na buramatari w’intara ya Kirundo kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo 2019 aho yasaba izo nyubakwa hamwe n’itongo vy’amashure y’imyuga yo ku Ntega ngo hubakwe ibitaro vy’akarere ka Vumbi.

Tubamenyeshe ko igisata c’amashure y’imyuga cugarijwe n’ubukene bw’ikoresho hirya no hino mu gihugu mu gihe amashure ya ECOFO asohora abanyeshure benshi badashobora kubandanya amashure y’isumbuye ari nabo bayakeneye cane.    

Quitter la version mobile