Site icon Itara Burundi

Burundi : Umutekano w’urwego rw’abashingamateka

Burundi, amakuru

Abapolisi ba API, Burundi

Nk’uko amakuru ikiyamakuru Itara Burundi gikura mubegereye abashingamateka batowe muri kiringo ca 2020-2025 abivuga, umushingamateka wese azosaba umupolisi amucungera mu gipolisi co muntara yatowemwo aho gucungerwa n’abapolisi bize ivyo gucungera inzego bo muri API.

Ayo makuru avugako umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi yoba yaramaze kubimenyesha urwego rw’abashingamateka ko atamupolisi acungera inzego avuye muri API azosubira gucunga umutekano w’abashingamateka. Ikinyamakuru Itara Burundi caronse ayo makuru avuga kandi ko umwe wese mu bashingameteka afise intara yatowemwo, ko azosaba uwumucungerera ubuzima muri komisariya y’igipolisi yo  muntara y’iwabo.

Tugerageje gutohoza uko abashingamateka bavyiyumvirako, bamwe bavugako iyo ngingo ije kubakurako icubahiro bahabwa n’ibwirizwa nshingiro narirya umukuru w’inama shingamateka ariwe arekuriwe gubirira umukuru w’igihugu mugihe apfuye canke atanze imihoho ikiringo ciwe kitaragera.

Abandi bafise ubwoba ko basavye ababacungera batize ivyo gucungera inzego bazohava bagirirwa nabi canke banimwe n’umwe bivuye kukimanyane gishobora gukoreshwa canke mbere bahabwe imbonerakure zambaye umwambaro w’igipolisi. Ivyo bikazoshira muruhagarara abashingamateka mugihe vyoshirwa mungiro nk’uko amakuru twaronse asozera abivuga.

Quitter la version mobile