Kuva kw’igenekerezo rya 24/12/2019 buca haba Noweli gushika kuri rino genekerezo rya 01/01/2020(ubunani) ibinyobwa vya BRARUDI aho bitabuze vyaradugije ibeyi, n’ibiburiburi amafaranga amajana abiri kw’icupa ugereranije n’ibiciro bisanzwe .
Haba i Bujumbura, Rumonge no kumurwa mukuru wa Politike w’uburundi i Gitega aho tumaze kuronka abaduha amakuru, ikinyobwa ca AMSTEL kigurwa amafaranga 2200 kw’icupa, ifanta ikagurwa amafaranga 1000 murumonge kiretse i Gitega ifanta igurishwa F800 ariko ifanta hakaba hari nke cane abandi ntanizo baronse.
Ikinyobwa ca PRIMUS nacone nticaretse kuduzwa ibeyi kandi abacihereza baguma bidoga ko gisigaye cataye akanovera kikaba kigugwaF1600 kw’icupa; « Mudusabire reta idufashe hakorwe AMSTEL nyinshi kubera ibiyeri bisigaye bisosagirika ukamengo n’ibisukari gusa. » umunyagihugu yavuganye n’ikiyamakuru Itara Burundi.