Site icon Itara Burundi

Burundi : « Urubanza rw’abagirizwa igandagurwa rya Perezida Ndadaye Melchior, uburyo co gukwega abanywanyi mumatora ».

Kw’igenekerezo rya 6/03/2020 sentare ntahinyuzwa yaraciye urubanza kungingo abagirizwa urupfu rwa Melchior Ndadaye bari bungururije, urubanza rukazoburanishwa mu ntahe y’icese mw’ido n’ido kw’igenekerezo rya 19/03/2020 kunguvu.

Sentare ntahinyuzwa ikaba yatumyeko abantu 20 harimwo bane : Col Gunungu Gabriel, Col Nahigombeye Anicet, Gen de Brigade Ndayisaba Céléstin alias Kibadashi na Col Niyonkuru Laurent bapfuniwe mu mabohero atandukanye yo hagati mu gihugu, umwe yidegemvya, Col Mushwabure Ildéphonse n’abandi bari hanze y’igihugu bamwe kumvo z’akazi abandi kuguhunga ingorane za politike igihugu kirimwo kuva mukwa kane 2015.

Mu nzitizi abashingwamanza b’abagirizwa harimwo ko;

  1. Sentare ntahinyuzwa idafise ububasha  bwokuburanisha urwo rubanza bisunze amasezerano y’amahoro no gusubiza hamwe yasinyiwe i Arusha kw’igenerezo rya 28/8/2000
  2. Ivyo abakiriya babo bitwarirwako vyateye igihe co kuburanishwa
  3. Abapfunzwe muri urwo rubanza boburana bidegemvya kubera imisi itegekanijwe n’amategeko yo gupfungwa ivy’imfatakibanza yarenze.

Kubw’umushingwamaza yanonosoye ivy’amategeko urwo rubanza rugomba gukoreshwa muntumbero zibiri :

« Kuzobwira abanywanyi  b’umugambwe CNDDFDD n’abandi barundi bo mu bwoko bw’abahutu ko bashoboye guhora Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wambere w’umuhutu yishwe amaze amezi atatu gusa kubutegetsi, aho abandi bakuru b’igihu b’abahutu batashoboye kubikora »

Ivyo akabivuga afatiye kukuntu Rwasa Agathon, uwutavuga rumwe na CNDDFDD bazoca bamwagirizako yagiye hamwe na UPRONA, umugambwe wagirizwa na CVR ko ariwo wahoneje abahutu, mugihe abo bapfunzwe benshi bari mur’uwo mugambwe.

Ica kabiri uwo mushingwamaza abona n’uko umugambwe CNDDFDD woba ushaka kunyaga urukombamazi abahunze igihugu mukubagirizako ivyaha bitandukanye mugihe abakoze ubwicanyi nko guturira abanyeshure bo mu Kibimba, abishe abatutsi i Bugendana, Kibimba, Teza, Buta, n’abategera abantu mu mabarabara muntambara yamaze imyaka irenga cumi bobo bidegemya aribo bariko bariyamamaza.

Twobamenyeshako urwo rubanza rukazoburanishwa kw’igenekerezo rya 19 ntwarante 2020  mw’ido n’ido n’aho abagirizwa bapfungiwe hagati mu gihugu be n’abari bariko bashaka gusubira gusambuza urwo rubanza. Bikavugwa ko bazokwitura igisata ca gasamburamanza kiri muri sentare ntahinyuzwa nk’uko amategeko abibemerera naho iyo sentare iriko ibahatira kwinjira mw’ido n’ido kandi itemerako abari hanze baserukirwa n’abashingwamanza batariho.

Quitter la version mobile