Site icon Itara Burundi

Burundi : Urwaruka rwinshi rusigaye rumera imvi hataragera.

Mugihe mu myaka yahera umuntu yamera imvi afise imyaka irenga mirongo itanu; ashaje, mur’ibi bihe urwaruka rwinshi rumera imvi guhera mumyaka mirongo itatu. Imvi tuvuga zitandukanye n’izo bita uruvivi, uruvivi zari imvi zimera bivanye n’umuryango ufise,  imvi z’akoko.

Inyuma y’aho hasubiye kwaduka intambara za politike mu Burundi muri 2015, urwaruka rutari ruke rugahunga igihugu urundi rugasigara, bose ico bahuriyeko ni ubukene, imyaka hamwe n’ivyiyumviro vya kazoza kabo.

Tumaze kubona no kwumva hirya no hino ko urwaruka rw’abarundi rusigaye rumera imvi hakiri kare, twararondeye  umwe muribo atubwirako yagiye abona imvi zisesa kumwaka uheze atazi ico bivako.

Tumubajije ico zimugize canke ko atangwara yoba afise yatubwiye ko atakagwara afise ariko akibaza ko ziva ku vyiyumviro vy’ubuzima vyamubanye vyinshi. Twashatse ku mubaza ukuntu yiyumva ari murundi rwaruka aca atubwira ati: “Mfise ubwoba bw’uko umwaka nagiye kuresha nzohava mbura uwo twubakana kubera atamukobwa azokwemera kwubakana n’umutama kandi abasore bakihari kuko zimpesha isura y’umutama kandi nkiri muto”

Twashatse kumenya imvo y’iryo hinduka ry’ibihe ku bantu maze tubaza muganga Bosco(iritirano) aca atubwirako ivyo bisigurwa n’uko urwaruka rwishi rufise ubwoba bwa kazoza, ugasanga rufashe umwanya munini wo kwiyumvira, rukabura umwanya w’umunezero gurtyo kaba hari uduce tumwe tumwe two mu bwonko duca turuha tugasaza hataragera ariho bica  biserukira muku mera imvi hataragera.

Tubamenyeshe ko urwaruka rusigaye rwarihebuye bivanye nuko ruheza amashure rukabura amaronderero y’ubuzi ku mvo z’intambara iri mu gihugu ndetse aho usanga benshi basigaye barihebuye batabona uko  bazobandanya babaho gushika aho bazoshinga ingo zabo.

Quitter la version mobile