Site icon Itara Burundi

Burundi : Uwize imyaka itandatu(6ans) muri kaminuza kera anganya urupapuro rw’umutsindo n’uwiga imyaka itatu(3ans) ubu.

Gushika uno munsi hari akarigangamuhogo k’ubusumbasumbane bw’impapuro z’umutsindo zitangwa muma kaminuza y’uburundi ubu n’abize kera.

Nk’akarorero uwize imyaka ine muri kaminuza akarenzako umwaka wo kwandika igitabu(mémoire), kaminuza yayimazemwo imyaka itanu(5ans) aronka impapuro z’umutsindo zibiri( diplôme des candidatures na diplôme de licence) akaba atumva igituma urupapuro rw’umutsindo yaronse rwonganishwa n’urw’uwize imyaka itatu gusa (3ans) muburyo bwashizweho mumwaka wa 2012 muvyo bise BMD(Baccalauréat-Master-Doctorat) kandi uyo nawe atandika igitabu(mémoire) ahubwo yandika iraporo yo kwimenyereza(Rapport des stages).

 » Jewe nize imyaka itanu ya kaminuza(IPA V) nongerako umwaka wo kwandika igitabu(6ans) ariko ntakarusho ndonka kurusha uwize imyaka utatu(3ans) munyigisho z’ubu mugihe wewe arengejeko imyaka ibiri aca aronka master! » uwo n’uwidoga.

Mugihe ikibazo nyamukuru ari ukuntu abize mu Burundi bataronka akazi vyoroshe kw’isoko ry’akazi haba mu karere canke kw’isoko mpuzamakungu, hari n’uko uwize nk’akarorero ishure ry’ubuganga (Médicaux) asanga yize ivyo mu bindi bihugu biga muri kaminuza.

Mu gihe kare umunyeshure yamara umwaka w’icumi akarenzako imyaka itatu abandi ine bakabona kuja muri kaminuza(yiga imyaka 13/14) ariko ubu umwana aheza imyaka icenda(ECOLE FONDAMENTALE, ECOFO) akarenzako imyaka itatu akaba aronse urupapuro rumuha uburenganzira bwo kuja muri kaminuza(yiga imyaka 12).

Hari ababonako harimwo akarenganyo kubona reta inganisha impapuro z’imitsindo kandi abazironse batanganishije imyaka n’inguvu mu kuzironka. Hari abatanga iciyumviro c’uko hoba inama rukokoma y’indero igaca hirya no hino ivyo bibazo kuko bishobora kuzohomvya reta umwaka abariko bararenganywa ningingo reta yafashe bazosabira kurenganurwa, bakabonako reta yiyorohereje mugushaka kworohereza namwe irenganije abandi.

Quitter la version mobile