Site icon Itara Burundi

Burundi : Uwundi mukuru wa sendika y’abigisha yafashwe.

Inyuma y’ifatwa rya Antoine Manuma, umukuru wa sendika y’abigisha SYGEPEBU ejo kw’igenekerezo rya 08/01/2020, uno munsi naho hafashwe Gérard Niyongabo arongoye sendika SEPEDUC.

Antoine Manuma, umukuru wa sendika SYGEPEBU

Ayo masendika akaba yariko arasinyisha abigisha bose badashigikiye gukatwa kunguvu amafaranga amajana atanu(F500) asabwa n’urunani rw’amasendika COSSESSONA rurongowe n’umuhanuzi mu bushikiranganji bw’indero Victor Ndabaniwe.

Nk’uko amakuru dukura mu bigisha, urwandiko COSSESONA yari yarungitse ngo abatipfuza gukatwa ayo amafaranga basinye, yobo yabonye abigisha bose bagiye kurusinya naho rwarimwo iterabwoba, Victor Ndabaniwe agaca afata Inzira yo gupfungisha abatari mir’uwo runani arongoye abateranije na reta ngo bariko bahungabanya umutekano wigihugu .

Bikavugwako imiriyoni amajana ane (F400 000 000) yokwegeranijwe na COSSESONA kukwezi kukwezi ari hamwe abigisha ibihumbi mirongo umunani (80 000) bari mu Burundi bwose bemeye gukatwa ayo amafaranga 500 kurumwe wese.

Tubamenyesheko ishavu mu bigisha riniga ndetse n’abari mur’uwo runani kubera ayo amafaranga 500 bazokatwa kunguvu.

Gérard Niyongabo, umukuru wa sendika SEPEDUC
Quitter la version mobile