Site icon Itara Burundi

Burundi : Yaraye yiciwe mw’ibohero ry’i Ngozi.

Umunyororo umwe yaraye yishwe n’abapolisi mw’ibohero ry’i Ngozi mw’ijoro ryakeye ryo kuwa gatandatu igenekerezo rya 18 mukakaro 2020 ariko agerageza gutoroka.

Mumasaha ya sambiri z’ijoro mw’ijoro ryakeye, umunyororo umwe yarishwe arashwe n’abapolisi ariko agerageza gutoroka ibohero rya Ngozi. Abegereye abanyororo bakavugako ubuzima bw’abapfunzwe bubandanya buba bubi bivuye n’ubwinshi bwabo be no gushira mungiro ingingo zo kwirinda ikiza ca COVID19 kandi hari ubukene bw’ibifungurwa vyoba ariyo ntandaro yo kwiyumvira gutoroka kw’abanyororo mur’ino minsi.

Ivyo Umuvuguzi w’umukuru w’igihugu yanditse kunama idasanzwe y’abagize inama nkuru y’ubutungane yabereye i Gitega kw’igenekerezo rya 16 Mukakaro 2020:

« Mugisata c’ubutungane hariyo agahaze……ukudahana, ukudindiza imanza, guca imanza za ngondagonde no kurya ibiturire »

Umucamanza Kizigenza Évariste Ndayishimiye

Tubamenyesheko kw’igenekerezo rya 18 ruheshi 2020, umukuru w’igihugu Évariste Ndayishimiye yinjira mumabanga abarundi benshi bari bitezeko arekura abanyororo nk’uko vyama vyagizwe n’abandi bakuru bibihugu baba bacinjira mumabanga.

Quitter la version mobile