Mugihe havugwa abapfunzwe ibihumbi n’ibihumbi bazira ivyiyumviro vyabo, Komiseri Ndayizeye Christophe atwara inyamiramabi zo muri BSR aravugwako ari mubemeza ivyaha abantu kunguvu gurtyo ubusho bukuzura abantu bazira ivyo batazi abenshi akabaka ibiturire.
Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avugako uwo mu komiseri Ndayizeye Christophe atwara inyamiramabi zo muri BSR yama ahohotera abantu, abakorera amabi atandukanye kugira bikunde bemere ivyaha kunkoni baheze bamuhe igiturire canke abapfunge bemejwe n’inkoni.
Amafaranga y’igiturire kwa komiseri Ndayizeye biravugwako atacaha kirimwo eka mbere arikekwa cane ko yoba akoresha n’uburozi muntumbero yo kwica ibihangange mu gipolisi mubo uwaduhaye amakuru yise abazulu bamaze imisi bapfa muburyo butumvikana.
“Yemeza ivyaha abantu kunguvu, bigateza urubwa reta mvyeyi.”
uwaduhaye amakuru akaba ababazwa n’ukuntu umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ariwe aheza agatukwa ayo mabi yose.
Abandi bakomiseri bakorana na Ndayizeye Christophe muri BSR ngo ntanumwe agifise ijambo narirya ariwe afata ingingo ubwanyuma, ngo abo baganira ababwirako azokororwa igarade canke agakurwa mukazi arimwo aruko Général Manirambona Christophe batazira Wakenya yamuhaye akazi atazoba agifise ijambo.
Bagenziwe batangazwa n’ingene aheruka kwubaka inzu Gasekebuye y’agatangaza mugihe bobo bibagora kuronka n’ayo barihira abana mumashure bakibazako ari igiturire yaka kunguvu abo ahohotera, ntibatinya gusabako amadosiye yose yamuciye mumaso yosubirwamwo bakaraba koko ko atari amarementanya.
Biravugwa kandi ko amabohero yuzuyemwo abapfunzwe benshi bigashobokako hari n’izindi nyamiramabi zikora nka Komiseri Ndayizeye mugupfunga abantu kukadenderezo. Umutamakazi w’imyaka irenga 60 yafatanywe n’abakozi biwe muri komine Mugamba intara ya Bururi igihe hatera imigwi itamenyekanye muntara ya Rumonge, uwo mutamakazi bizwiko anagendana indwara zidakira akaba amaze amezi mu Mpimba co kimwe n’abandi bagirizwa icaha bataramenya.