Site icon Itara Burundi

#Congo: Umukuru w’igihugu mfatakibanza yaraye amenyekanye

Muri reta iharanira demokrasi ya #Congo, umugwi ujewe amatora waraye utanze amajwi mfatakibanza yavuye mu matora yo kw’igenekerezo rya 30 kigarama 2018.

Umukuru w’igihugu mfatakibanza ni Félix Antoine TSHISEKEDI TSHILOMBO yatowe n’abantu 7.051.013 n’ukuvuga 38,57%.

Uwakabiri muri ayo matora yabaye Martin FAYULU MADIDI yatowe n’abantu 6.366.732 ni ukuvuga 34,83%

Uwagatatu aba Emmanuel SHADARY yatowe n’abantu 4.357.359 n’ukuvuga 23,84%
Ayo matora yitabwe n’abantu kur’ugero rwa 47,56%

Tubamenyeshe ko hari uduce tutari twaroye kandi ko ivyo vyavuye mu matora vyashikirijwe inyuma y’uko amakungu amaze gusemerera ngo ni banyarutse ndetse n’ubufaransa bukaba bumaze kwiyamiriza ayo majwi nk’uko amakuru adushikira abivuga.
Bafise umwanya wo kuvuga ibitagenze neza, imisi itari musi y’indwi hanyuma ibiharuro ntabanduka bikazovurwa na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro inyuma y’imisi ibiri ico kiringo kirangiye.

Quitter la version mobile