Site icon Itara Burundi

Ibiganiro bihuza abarundi birabandanya muri Tanzaniya reta ya CNDDFDD itarimwo ?

Mugihe umufasha w’umuhuza mu matati y’abarundi  Benjamin William Mkapa yari yashinze ikirangamisi c’ibiganiro munyuma reta y’uburundi ikavuga ko idashobora kuvyitaba kubera vyahuriranye n’umisi wo kwibuka incugu y’uburundi Melchior Ndadaye , umuhuza yaravyunguruje abishira kumagenekerezo ya 24 gushika 29 gitugutu 2018. 

Ejo kumusi wa gatatu igenekerezo rya 24 gitugutu 2018 niho ivyo biganiro vyari bitegekanijwe kwugururwa icece ahitwa i Ngurdoto Mountain Lodge Arusha muri Tanzaniya ariko reta y’i Bujumbura  ntiyavyitaba bituma umufasha w’umuhuza ayandikira ariko ntanyishu yari bwaboneke mur’iki gitondo.

Iyugururwa ry’ivyo bikorwa vyo kugurura icese ivyo biganiro vyahavuye biba uno musi ku wakane igenekerezo rya 25 gitugutu 2018 isaha zine zo mugitondo atantumwa za reta canke imigambwe iyegereye bihari. Bikavugwako  bica  bibandaniziza mu migwi, abanyepolitike bitavye ivyo biganiro bahungiye hanze n’abavuye mu Burundi bakazoca bandika urwandiko rurimwo ivyo babona bisabwa kugira amatora ya 2020 agende neza bakazoheza bakarushikiriza ibiro vy’umuguza ku musi w’Imana igenekerezo rya 28 gitugutu 2018.

Tubamenyesheko ivyo biganiro vyoheze kw’igenekerezo rya 29 gitugutu 2018 hashizweko umukono ku rupapuro rw’inzira rusinywe n’impande za politike zitumvikana mu matati y’abarundi kw’itegurwa ry’amatora yo mumwaka wa 2020 ariko ko reta itavyitavye kakaba kabaye akaryo ku banyepolitike bahunze igihugu n’abatahunze ko kuvugana n’ibindi vyotuma amagume y’uburundi ahagarara hanyuma igihugu kigatwarwa amasezerano ya Arusha ya 2000 adahonyanzwe.

Ntitworangiza tutabamenyeshako kuva ivyo biganiro bitangura guskika ubu atanarimwe reta y’uburundi irigera yemera kwicarana n’abo batavuga rumwe kuko ivugako baronderwa n’ubutungane kandi ko abo nabo barandikiye umuhuza ko batakeneye ibiganiro vyobaha ikigorwe c’ikivunga kuko cohava gituma aboronderwa na sentare mpuzamakungu ku magume igihugu kirimwo kuva 2015 nabo bakironswa.

Quitter la version mobile