Site icon Itara Burundi

Igihano co gupfa coba caragarutse mu Burundi?

Hari amakuru yazindutse yerekanwa kurubuga ngurukana bumenyi rwa Whatsapp kuri uno musi wa gatanu igenekerezo rya 12 mukakaro 2019 avugango « babagiriye akantu », abo nabo bakaba ari abagabo babiri biciwe mu ntara ya Bubanza.

Nkuko mushobora kwiyumvira ayo majwi ari hamwe bibayevyo azoba ari igihano co gupfa cagarutse nk’uko abavyumvirije bakabona aya masanamu bavyibajije.


Ubutumwa vyarikumwe bwavuga buti: « Gihanga abantu bafatanwe inkoho na police commissaire provincial niwe yabirasiye izuba riva ejo hahise Bari muminwe yigi Police baca babacira ugwo gupfa bataburanye »

Umviriza ayo majwi.

https://itaraburundi.com/wp-content/uploads/2019/07/AudioMusenyi1-1.ogg

https://itaraburundi.com/wp-content/uploads/2019/07/AudioMusenyi2-1.ogg
https://itaraburundi.com/wp-content/uploads/2019/07/AudioMusenyi3-1.ogg

Itegereze amwe mu masanamu vyarikumwe:

Twari kubereka na video ariko kubera kwubaha abitavye Imana twahisemwo kutayichisha ngaha.

Abaharanira agateka ka zina muntu ntibatanzwe kugira ico babivuzeko.

Nka Pacifique Nininahazwe aratera ivyatsi iyo nyifato y’abajejwe umutekano aho yamenyeshejeko ari ubwicanyi ndengerabutungane.

Raba ivyo yanditse kuri twitter:

Quitter la version mobile