Site icon Itara Burundi

Imbonerakure zo mu Cankuzo zibiri imwe irapfunzwe iyindi yarahunze inyuma yo guhakwa kwica umuntu.

Mugihe uwitwa Gilbert akora muri REGIDESO Cankuzo hamwe na Oscar yahora agendanira umushingamateka Anglebert Ngendabanka, bose bo murwaruka rw ‘umungambwe uri ku butegetsi CNDDFDD bari basanzwe bazwiko bica bagakiza muntara ya Cankuzo, bivugwako baheruka gukubitira kwica umunyagihugu yitwa Ciza Déo, umwe akaba amaze gufatwa uwundi akaba yarahunze.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, hari umupolisi ari mubagendanira komiseri w’igipolisi mu Cankuzo yarafitaniye amatati n’uwitwa Ciza Déo, uwo mupolisi akaba yoba yaciye atanga uwo Déo aja gukubitirwa muhira ku mbonerakure yitwa Oscar ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 20/01/2021, uwo nawe akaba yaciye afadikanya n’iyitwa Gilbert bamukubita arigusa. Imana ikaba yarakinze hagira uwuhaseruka aratabara bagira bamwice nk’uko isoko ry’amakuru ryacu ryabitumenyesheje.
Bivugwako inyuma y’impari zitarinke hagati y’ibihangange muri CNDDFDD muntara ya Cankuzo, hahavuye hafatwa ingingo yo gushengeza izo mbonerakure, bavugako zoba zisuzuguye inzego z’ubutungane, iz’intwaro n’umutekano.
Amakuru adushikira akavugako umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashize mu Cankuzo abajewe kumurabirako atabahohotera abanyagihugu bashasha arinaco coba carafashije kugira hashikwe kur’iyo ngingo.
Nubwo biruko uwitwa Gilbert, umwe mur’izo mbonerakure akorera ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba REGIDESO akaba yarahunze iyo ntara guhera ejo kw’igenekerezo rya 26 nzero 2021 mugihe mugenziwe Oscar yafashwe n’abajejwe umutekano ubu akaba ariko arabazwa kur’ico caha.
Ubu abanyagihugu bo mu Cankuzo twavuganye bakaba bashima kubona inkozi z’ikibi zisigaye zifatwa hatarabwe umugambwe ziturukamwo ariko bakagira amakenga ko uwo Gilbert yoba yatorokeshejwe n’abataramenya ko reta yahindutse.

Quitter la version mobile