Ku musi w’Imana igenekerezo rya 11.11.2018 mumasaha ya sahindwi z’umutaga hafatiwe muri zone Twinkwavu, komine ya Cendajuru i ntara ya Cankuzo, imisore igera kuri cumi n’icenda ivugako igiye guca ingero mugihugu ca Tanzaniya.
Abo bafashwe baciye begeranirizwa ku mugwa mukuru wa komine Cendajuru aho vyaboneka ko bari bashonje kandi barushe. Bavugako bari bagiye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya kuronderayo ubuzi, bavuye muntara za Karusi na Kirundo aho bivugwako ubukene bwabaye ndanse.
Kuri uyu wambere igenekerezo rya 12 munyonyo 2018, uwurongoye iperereza mur’iyo ntara akaba yaciye aja kubaraba aho bari begeranirijwe ariko akaba yahavuye abakurayo isaha zibiri zijoro(20H) abatwara ahantu hataramenyekana.
Amazina y’urwo rwaruka, amakomine bavukamwo canke uwari abatwaye n’iyo bageze gushika ubu tu bahaye aya makuru tukaba tutarabimenya.
Ababibonye bafise amakenga ukuntu yari yahashitse hakiri kare ariko akiteza utunyoni ntabatware hakibona ngo bamenye iyo abatwaye bagatinyako bazokurikizwa Jonas Mugara na mugenziwe.
Tubibutse ko uyo Jonas Mugāra, yari umunywanyi akomeye wa Rwasa Agathon n’uw’aramuhetse ku moto Innocent Gasase bagiye amazimayongo batwawe n’iperereza nyene bakuwe aho mu Cendajuru mumpera z’ukwezi guheze kw’icumi 2018 bikavurwako biciwe muri parike ya Ruvubu iri muri komine Kigamba yo mur’iyo ntara ya Cankuzo aho uwambere yoba yishwe umusi afatwa ariko uwundi bikavugwako yishwe amaze imisi apfungiwe mugasho ka komine Kigamba.
Abasitanteri bayo makomine, Béatrice Nibaruta wa Cendajuru na Rose Nahimana wa Kigamba bakaba batungwa urutoke n’abanyagihugu ko boba baragize uruhara rukomeye murupfu rwa Jonas na Innocent bavuka muri komine Gisagara.