Site icon Itara Burundi

Impunzi ni abantu nk’abandi kandi bashoboye

Mu gihe igenekerezo rya 20 ruheshi uko umwaka utashe amakungu yama ahimbaza umusi mukuru wahariwe impuzi, uwo musi wahimbajwe uburundi bufise abahungiye hanze yabwo bababa ibihumbi amajana atanu (500 000) bivuye kumagume aharangwa kuva muri ndamukiza 2015 bivuye kuri Petero Nkurunziza yiyongeye ikiringo kigira gatatu abatacemera  baroye munyiyerekano bagaca bahohoterwa n’inzego za reta bagahitamwo kuyanyaga.

I Kigali mu gihugu c’urwanda ni ikibanza kimwe muvyahimbarijwemwo uwo musi mukuru mpuzamakungu, aho umugwi himbaza w’abavuzi b’ingoma bugurura ivyo birori ahitwa i Nyarutarama mugisagara ca Kigali, ahari hari abategetsi baserukira ubushikiranganji bw’ibiza n’impunzi, abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR hamwe n’abaserukira impunzi mu gisagara ca Kigali. Abakenyezi b’impunzi zituruka muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo nabo bari mubaryoheje ibirori bararirimvye indirimbo yashitse kumishaha abaraho bavugako kuba impunzi atari ivyo umuntu ajamwo abigomba kubera aba yabuze abiwe n’ivyiwe akaja mumahanga aho bitaba vyoroshe kuba ugereranije n’ubuzima aba yahozemwo.

Mu majambo yagiye arashikirizwa n’abo banyacubahiro twababwiye bose bagiye baragaruka kubibazo impunzi zisanganywe n’aho umuti wazo ugeze, aha tukavuga nk’ivyo kuronswa uburyo bwo kwivuza, impapuro zo gufata ingendo, amashure y’abana hamwe n’amakarata ndangampunzi aho abagiye barashikiriza amajambo yaba uwaserukiye HCR canke ubushikiranganji twavuze bose bagiye barizeza impunzi ko intambwe imaze guterwa ishimishije.

Impunzi zasabwe kwama zifatanye munda, zikiyumva nk’abandi banyagihugu bazakiriye kandi zihabwa n’icizere ko zizofatwa nk’abandi muri vyinshi bishoboka ndetse hakaba harahawe ijambo umwigeme w’umurundikazi yabaye akarorero mugukurikirana inyigisho zatanzwe na HCR yitwa Estalla,  yakurikiranye ivyirwa bine mubijanye no kumenyesha amakuru, nawe yarashimiye iryo nshirahamwe ryamufashije mbere akaba yavuzeko vyamufashije mu kuronka akazi kajanye n’izo nyigisho yaronse.

Estella yaciye aboneraho akaryo ko guhanura urwaruka n’impunzi muri rusangi ko bokwijukira kwiga uko akaryo koboneka kuko kuba impunzi bitobaboha mu mitwe k’ingorane ahubwo ko bobihinduramwo ivyiza bakazotahana ubumenyi buhagije.

 

Tubamenyesheko muri uwo mwanya abana nabo bariko barakina inkino zitandukanye mbere hakaba hari n’umuhinga mugushushanya yitwa Gatihabwa yariko arabakinisha aho umwana umwe murabo afise nk’imyaka itandatu yanashushanije ibendera y’uburundi, bikagaragaza urukundo urwaruka rukunda igihugu c’arwibarutse.

Ibirori vyasozerewe no gufungura imfungurwa zari zateguwe abitavye ivyo birori mukanyamuneza ntangere aho baraho batashe bashimye ukuntu bafashwe muri ico gihugu c’u Rwanda.

Quitter la version mobile