Site icon Itara Burundi

Inama y’abakuru b’ibihugu bigize akarere ka afrika y’ubuseruko yasivye kubera Petero Nkurunziza

Mugihe ibihugu bihurikiye mu muryango w’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko vyari vyiteguriye kufata ingingo zikomeye zerekeye iterambere ry’uwo muryango kuri uno wagatanu igenekerezo rya 30 munyonyo 2018 vyasanze vyisigiye gusiba.

Vyari vyatanguye kuvugwa ko intumwa z’umugambwe CNDD FDD zahawe umubonano n’umukuru w’igihugu ca Uganda, Yoweli Kaguta Museveni mu ndwi iheze aho vyavugwa ko zari zimushiriye ubutumwa zirungikanywe n’umukuru w’igihugu c’uburundi Petero Nkurunziza, mu nyuma havugwako uburundi butazokwitaba iyo nama igira iya mirongo ibiri y’abakuru b’ibihugu bigize EAC hamwe n’inama y’abashikirangaji igira mirongo itatu na munani y’abashikiranganji bajejwe uwo muryango mu bihugu biwugize ariko yoyo ikaba yahavuye iba uburundi budaserukiwe kuva kw’igenekerezo rya  25/11/2018 gushika  ku rya 28/11/2018.

Iyo nama isanzwe igira  iya 2O y’abakuru b’ibihugu bigize EAC  ikaba yungurujwe n’umukuru w’igihuga ca Uganda Yoweri Museveni , umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta ,  Dr. John Pombe Joseph Magufuli umukuru w’igihugu ca Tanzaniya ; Umushingamateka Paul Moyom Akec, umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro n’akarere k’ibiguhu bigize afria y’ubuseruko yaserukiye Salva Kiir Mayardit umukuru w’igihugu ca Sudani yepfo hamwe n’umushingamateka Dr. Richard Sezibera, umushikiranganji w’imigenderanire y’urwanda n’ibindi bihugu yaserukiye Paul Kagame, umukuru w’igihugu c’urwanda. Abo bose bakaba bari bashitse mur’iyo nama yasivye.  

Mungingo zari gufatwa harimwo kwihweza urugero Sudani y’epfo igezeko mukwinjizwa muri uwo muryango wa EAC, kwiga ivyerekeye kwinjiza igihugu ca Somaliya muri uwo mu ryango, kwiga ikibazo co kugabanya kurangura imodoka zishaje hatejwe imbere umugambi wo guteranya imodoka nshansha muri uno muryango, kwiga ivyerekeye urunani rwa politike mu karere, n’ibindi kuko vyavurwako urutonde bagira bakorereko rwari urw’imfatakibanza.

Twobamenyeshako kuva igenekerezo rya 13/05/2015 Petero Nkurunziza ahakwa gutembagazwa ku butegetsi n’abasirikare atarigera asubira kwurira indege abakurikiranira hafi ivy’uburundi bakavugako gusiba inama y’abakuru b’ibihugu ahanini yoba atinya gukura ikirenge ivyanse muri 2015 bigakunda.

Quitter la version mobile