Site icon Itara Burundi

Inama y’umutekano ihuza ibihugu vy’uburundi n’urwanda

Kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 26 myandagaro 2020, intumwa z’ibihugu vy’ uburundi n’urwanda zahuriye ku rubibe ivyo bihugu bihana muntumbero yo gutorera umuti ukurabana ay’iyingwe ivyo bihugu bimazemwo imisi.

Ku rubibe rwa Gasenyi Nemba, igihugu c’uburundi, intara ya Kirundo n’igihugu c’urwanda, akarere ka Bugesera aho bihurira, intumwa zirongowe na Col Ernest Musaba kuruhande rw’uburundi na Brig Gen Vincent Nyakarundi kuruhande rw’urwanda, bose baserukira iperereza vy’ibisirikare ry’ivyo bihugu, zahuye kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 26 myandagaro 2020.

Iyo nama yambere ihuje ivyo bihugu kumugaragaro ikaba yabaye hari abaserukira umurwi wo gukinga amatati gagati y’ibihugu vy’ibiyaga binini CIRGL, ikaba ibaye inyuma yaho hagiye haravugwa imishamirano hagati y’ivyo bihugu kandi kuva 2015, umubano hagati y’ivyo bihugu ukaba warabaye mubi.

Tubamenyeshejo ivyo bibaye mugihe hari umurwi ugizwe n’abarundi, abanyarwanda, abakongomani hamwe n’ababiligi umaze imisi ushinzwe kugira wige kungarukambi ivyo bihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini vyatewe n’ubukoroni bwabaye imbere mumyaka 50 iheze ndetse ivyo bihugu bikaba vyama mundyane z’urutavanako zifatiye kubwoko.

Quitter la version mobile