Site icon Itara Burundi

Inshirahamwe CAVIB riratera ivyatsi ingingo ya reta ya Tanzaniya yo kwirukana impunzi z’abarundi.

Photo yatiwe muri google

Inyuma yaho reta ya Tanzaniya itanguye gutanga ubutumwa hirya no hino muntara zirimwo amakambi y’impunzi z’abarundi ko zotahuka mu Burundi harangwa amahoro n’umutekano, ishirahamwe CAVIB riratera ivyatsi iyo nyifato.

Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye kuruyu wa kane igenekerezo rya 26 mukakaro 2018  ririyamiriza itotezwa impunzi z’abarundi ziri mur’ico gihugu zigirirwa harimwo no kushaka gusubizwa ku nguvu mugihugu zahunze kandi kibandanya gukoreramwo ivyaha vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu.

Ishirahamwe CAVIB riributsako reta ya Tanzaniya ko kwirukana impunzi bibuzwa n’ingingo ya 33 y’amasezerano agenga ibihugu yashizweko umukono mu mwaka wa 1951 kuvyerekeye ubuhungiro ko kizira kuzirukana ati : «  Nta reta nimwe izokwirukana canke ngo itange impunzi mu buryo ubwo aribwo bwose, yarenze umupaka kubera ubuzima n’ubwigenge bwayo bubangamiwe bivanye n’ubwoko, umugwi canke ivyiyumviro vyaba ivy’amadini canke vya politike ».

Iryo shirahamwe risaba reta ya Tanzaniya ko yokwubahiriza amategeko mpuzamakungu agenga impunzi kugira ntikizobazwe inkurikizi z’ivyo kiriko kirakora.

Rirangiza iryo itangazo ryaryo risaba ubumwe bwa Afrika, akarere k’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko gukurikiranira hafi ikibazo c’uburundi kugira amahoro, umutekano na democratie biboneke.

Bika iryo Tangazo riri mu Gifaransa mugufyonda ngaha

Quitter la version mobile