Site icon Itara Burundi

Ikibazo c’intambara ihuza uburusiya na ukraine ntikibonwa kumwe n’ibihugu vyo muri EAC

Mugihe hatowe ingingo ibuza igihugu c’uburusiya kubandanya gitera igihugu ca Ukraine k’uyu wa 2 ntwarante 2022, igihugu c’u Burundi co kimwe n’ibindi bihugu vyo muri Africa bitari bike vyanse kwerekana aho bihagaze mugihe ibishika kuri 141 kuri 193 bigize isi vyiyamirije ivyo bitero. Ibihugu vyo muri afrika y’ubuseruko, EAC bikaba bitahurije kuri iyo ngingo.

Ibihugu vya Uganda, sudani yepfo, Tanzaniya n’u Burundi vyanse kwerekana aho bihagaze, u Rwanda na reta iharanira intwaro ya demokrasi ya Congo hamwe na Kenya navyo biratora ingingo ya ONU yiyamiriza ibitero igihugu c’uburusiya kimaze imisi kigira kugihugu ca Ukraine, iyo ngingo igasaba uburusiya kuvana ingabo zayo muri ukraine atakirinze gusabwa.

Tubamenyesheko mubihugu 35 vyanse kwerekana aho bihagaze mungingo yafashwe n’ishirahamwe mpuzamakunga ONU ibuza igihugu c’uburusiya kubandanya gitera igihugu ca Ukraine harimwo ubushinwa, ubuhingi, Irani, Irak na koreya ya ruguru mubihugu bikomeye kw’isi.

Ivyo bir’uko mugihe igihugu c’uburusiya cagaboshije ibihugu bizokwinjira muntambara igihuza na ukraine aho bivugwako ico gihugu citeguriye gukoresha ibigwanisho ruhonyanganda. Iyo ntambara ikaba yatewe n’uko igihugu ca ukraine cagira cinjire mumuryango w’ibihugu vya buraya no mumuryango wa OTAN(ibihugu bigwaniriza hamwe umwansi harimwo reta nzunze ubumwe bwa Amerika) aho uburusiya bubonako bwoba bwinjiranywe n’abansi babwo.

Quitter la version mobile