Site icon Itara Burundi

Iradiyo y’abongereza #BBC yaraye ihagaritse ibikorwa vyayo vyose mu #Burundi.

Nk’uko vyamenyeshejwe ku rubuga rw’iradiyo y’abongereza #BBC ejo kw’igenekerezo rya 16 mukakaro 2019, iyo radiyo yarahagaritse ibikorwa vyayo vyose yahora ikorera kw’isi y’uburundi ikavugako vyanseko yumvikana na reta y’uburundi. 


Iyo radiyo ikaba yaheruka kwakwa uruhusha rwo gukorera mu Burundi kuva mukwezi kwa gatatu, ndetse urwego rujejwe kucungera itangwa ry’amakuru #CNC rukaba rwaranabujije abanyagihigu kuyiha amakuru co kimwe n’iradiyo y’abanyamerika #VOA nayo nyene yabujijwe gukorera mu Burundi.

Ivyo bibaye mugihe uburundi buriko bwitegurira amatora ya 2020 aho n’ikinyamakuri #Iwacu nacone giheruka kugabishwa n’urwo rwego cagiririzwa kuba gitanga amakuru « Ahengamye » ivyo ico kinyamakuru kidatahura kuko kivugako atamakuru kanaka yadomweko urutoke ngo naco cisigure. 
Tubamenyesheko amaradiyo ashika atanu, #RPA#Isanganiro#BoneshaFM, RTV #Renaissance na Radiyo #RemaFM yaturiwe kumagenekerezo rya 13-14 /5/ 2015 aho abayarongoye batunga agatoke inzego zijejwe umutekano mugihe ikinyamakuru #ItaraBurundi cari catewe ubwoba n’ubushikiranganji bw’intwaro yohagati mu gihugu muntango y’ukwezi kwa gatatu uwo mwaka nyene . Murizo radiyo zaturiwe zibiri zikaba arizo zahavuye zugururwa arizo Radiyo Isanganiro na radio Rema FM

Quitter la version mobile