Site icon Itara Burundi

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights watch, #HRW risabira ibihano abarundi bagirizwa guhungabanya agateka ka zina muntu.

Kw’igenekerezo rya 12/6/2019, ishirahamwe  »Human Rights watch », ryarashize ahabona amatohoza ryagize ku #burundi aho ryerekana ko agateka ka zina muntu katubahirijwe na gato. 

Mu ntara 8 bashoboye gukorako ayo matohoza kuri 18 zigize igihugu c’u Burundi, basanze harabayeho gutoteza abatavugarumwe n’umugambwe #CNDD_FDD cane cane abari mumugambwe #CNL urongowe na Agathon #Rwasa hamwe nabiketsweko batawushigikiye.
Rivugako hakoreshejwe urwaruka rw’uwo mugambwe ruzwi kw’izina ry’#Imbonerakure, abapolisi, abakozi b’iperereza, n’abategetsi bo mu nzego zo hasi bahurikiye muri uyo mugambwe. 
Vyatanguye kuyangara mu matora ya 2015, aho imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi yanse kuja mu matora. Abantu benshi bagiye bahohoterwa, bamwe bahitamwo guhunga igihugu. Kuva aho bahinduriye ibwirizwanshingiro muri 2018, hoho ivya huha vyarahuhutse nk’uko ayo matohoza abandanya avyerekana.

Ishirahamwe Human Rights watch rivugako
hari ibiziga vyagiwe biratorwa mu nzuzi n’ahandi hatandukanye, vy’abantu bishwe bakekwa canke bazira ko badashigikiye umugambwe uri kubutegetsi.
Ayo matohoza avuga kandi ko imbonerakure zitoza amafaranga ngo y’amatora kandi y’agasakisaki, uwutayatanze agaterwa ubwoba canke agakubagurwa.

Human Rights watch rishikirizako inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu #ONU yarikwiye gufatira ibihano abarundi bamwe bamwe bagize uruhara muguhungabanya agateka ka zina muntu mu #Burundi. 
Rikavugako hoca hashingwa umugwi w’abahinga woba ujejwe gukurikirana ishigwa mungiro ryivyo bihano kugira ntigire ingarukambi mugushikiriza imfashanyo abanyagihugu ataco bazira.

Tubamenyesheko a hategekanijwe kwigwa ikibazo c’uburundi kuri uyu wagatanu igenekerezo rya 14/6/2019 mu nama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu #ONU ariko bikavugwako igihugu c’uburusiya kiguma cankako uburundi bwoshirwa kurutonde.

Quitter la version mobile