Nk’uko tubikesha ikinyamakuru SOS Média Burundi k’ur’uyu wambere 6 nyandagaro 2018
I Makamba mu bumanuko bw’uburundi niho iryo shano ryabereye
Abantu mirongo irindwi na babiri (72) binjijwe ibitaro inyuma yo gufungura imfungurwa zarimwo uburozi aho bari mu rubanza kwo kuganduka ku wa gatandatu uheze ku mutumba Ruremba (ZoneNyange)
Abantu batanu bikekwako aribo baroze abo bantu bakaba bari muminwe y’igipolisi c’i Makamba guhera ejo kuw’Imana ku mugoroba nk’uko ayo makuru abandanya abivuga.