Site icon Itara Burundi

Ni nde yishe umuvunjayi Onesime Ntiranyibagira ?

Ku musi wa gatandatu uheze, 07 kigarama 2019, umuvunjayi Onesime Ntiranyibagira yasezeye bagenziwe abamenyesha ko yitavye umukiriya amuhamagaye mu Carama. Uwamuhamagaye yamusaba ko yogenda ajanye amahera ahuye n’amadolari ibihumbi indwi vy’amanyamerika (7000 USD), ariko yoba yagiye ajanye ayakwiranye n’amadolari ibihumbi bitanu. Abiwe bavuga ko yagiye hagati y’isaha icenda n’isaha icumi z’umurango. Kuva yitavye ntawasubiriye kumenya irengero ryiwe.

Ikiziga ca Onesime Ntiranyibagira catowe uno musi gitanguye kubora mu Buterere (ku nkombe za bassins za Setemu). Ababonye ikiziga bavuga ko yishwe acumiswe imbugita. Onesime Ntiranyibagira yavuka ku musozi wa Nyarwaga muri komine Bururi, intara ya Bururi. Igandagurwa ry’uwo muvunjayi rije rikurikira ipfungwa ry’abandi bavunjayi batari bake.

Pacifique Nininahazwe kuri page ya facebook yiwe

Quitter la version mobile