Site icon Itara Burundi

Reta yanse ko amakamyo 23 azanye imfungurwa yinjira mu Burundi

Mugihe abashikiranganji b’imigenderanire n’abamagara y’abantu bagize akarere ka Afrika y’ubuseruko baheruka kugira inama yo kugwaniriza hamwe ikiza ca CORONAVIRUS(COVID19) kw’igenekerezo rya 25/3/2020, reta yuburundi yanseko amakamyo yari azanye ibifungurwa avuye muri Kenya yinjira.

Ayo makamyo yankiwe kwinjira kw’igenekerezo rya 31/3/2020 kaba yaramaze gishoka 23 afise imparati z’imodoka zo muri uganda na Kenya akaba yankiwe kwinjira aciye kumipaka itandukanye ihuza uburundi n’urwanda avuye kukivuko c’i Mombasa muri Kenya.

Igihugu c’urwanda kikaba caciye candikira Kenya na Uganda kimenyeshako kubera igihugu c’uburundi kirenze kumasezerano yo huhanahana ibidandazwa yagati y’ibihugu bisangiye akarera ka afrika y’ubuseruko ko naco kigiye kwankira ibidandazwa bija mu Burundi guca kubutaka bwaco.

Hambavu y’ivyo ibidandazwa, ikinyamakuru Newtimes Rwanda kiravuga abarundi batandatu bankiwe kwinjira mu gihugu cabo c’amavukiro aho umwe muribo yaravuye kwivuza ingwara ya Cancer ahitwa i Butaro(abarundi benshi bakaba bahivuriza) biba ngombwa ko basubizwa inyuma mu gihugu w’uRwanda haka harimwo n’akanga gatoya.

Tubamenyesheko atari ubwambere igihugu c’uburundi cankako ibidandazwa biciye munzira ya ruguru(Corridor nord) vyinjira. Mu mwaka wa 2017 mu kwezi kwa kane, caraseko amatoni 300 y’imfungurwa z’imfashanyo ishirahamwe PAM ryari rizanye ngo nuko vyaciye mu Rwanda, ubuhombe kuri bene imodoka n’ibidandazwa bikaba vyaravyuye imburano.

Muri’ki gihe c’ikiza ca COVID19, ibihugu vya afrika y’ubuseruko bikaba vyari vyumvikanyeko bigiye kugwaniriza hamwe ico kiza nk’uko ibihugu vy’iburayi bibikora, ibidandazwa bikabandanya bica kumipaka ariko reta y’uburundi ikaba ibaye iyambere mukwanka ko amasezerano ashigwa mungiro.

Quitter la version mobile