Site icon Itara Burundi

Rumonge: Ivy’amatongo yegereye ikiyaga ca Tanganyika

Kuri uyu wa 27/2/2020, ubushikiranganji bwo gutwara abantu, inyubakwa no gutunganya amatongo bwarandikiye buramatari w’intara ya Rumonge bumusaba gukurikiranira hafi igurishwa ry’amatongo yegereye ikiyaga Tanganyika kubanyamahanga.

Mur’iryo kete, ubushikiranganji bumenyeshako bwaronse amakuru ko hari umubirigi amaze imisi agura amatongo kunkengera z’ikiyaga ca Tanganyika ku bwinshi co kimwe n’abandi banyamahanga.

Buramatari w’intara ya Rumonge akaba asabwa gukurikiranira hafi igurishwa rivugako ritemewe kumetero ijana na mirongo itanu( 150 m) uvuye kukiyaga mukarere kose atwara mbere n’aho zirenga yobanza kwisuga ico itegeko rigenga amatongo rivuga mukugurisha itongo kumunyamahanga.

Tubamenyesheko reta y’uburundi yarimaze imyaka isaba abanyamahanga kuzana imitahe yabo mu Burundi, ari muriyo ntumbero hari abari bumvise akamo bakaza.

Quitter la version mobile