Site icon Itara Burundi

Umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe amatohoza ku Burundi watanze icegeranyo i Genève aho wagiriza Petero Nkurunziza amabi ahakorerwa.

Uyo mugwi umenyeshako mu burundi habandanije hakorwa ivyaha vyo gusinzikaza ikiremwa muntu(crimes contre l’humanité) muntu nk’ubwicanyi bw’agahomeramunwa, kunyuruza abantu bakaburwa irengero, guhagarika no gupfungira abantu ubusa, kuboreza igufa abantu n’ayandi mabi abishe atabereye ikiremwa muntu.

Uwo mugwi ukaba waradomyeko urutoke kuri Petero Nkurunziza ko ari mu bahamagariye imbonerakure gukora ayo mabi no kubiba ugwanko mu barundi.

Doudou Diène arongoye uyo mugwi amenyesha kandi ko begeranije amazina y’abantu bagirizwa amabi atari make n’ivyaha vyakozwa umwumwe muribo.  

Tubamenyesheko Doudou Diène yashinzwe kurongora uwo mugwi muntango z’ukwezi kwa kabiri 2018 ariko akaba yabandanirije aho uwo yasubiriye Fatsah Ouguergouz yaragejeje kuko uwo mugwi washinze mumwaka wa 2016 ufise igikorwa ko gutohoza amabi yakozwe mu burundi n’abayakoze guhera 2015 arico gituma mur’iyo raporo basohoye harimwo n’amabi yakozwe mu mwaka uheze hamwe n’uyu mwaka.

Ikindi n’uko uwo mugwi urangiza ikiringo cawo mu mpera z’uku kwezi kwicenda 2018 ariko amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu akaba abandanya asaba ko uwo wokongerwa ikiringo.

Quitter la version mobile