Site icon Itara Burundi

« Umugwizatunga nka wewe ashobora gukoresha ubwo buryo mugutorera inyishu izindi ngorane zisanzwe ziri ngaha muri afrika ! Ariko utabishaka kubikora, hazoza uwundi abikora avuye muri amerika, mu buhindi canke mubushinwa kandi azobikorera kumuryango iwawe… »

Ruhuka gato: #Agatima_kogutora_inyishu

__Kutagira ibikwiye, ntibisigura kutagira nakimwe!

Abantu benshi bariko bariyumvira inyishu, harimwo ama reta, abatanga imfashanyo n’abagwizatunga(baba abarondera inyungu canke abagiraneza), nka bose bariko bagerageza kuzoturonsa ivyo tudafise ariko harikindi kintu dushoboye  « Gukora », hamwe no kwama twibuka imisi yose….

# Kutagira ibikwiye, ntibisigura kutagira nakimwe!

Kimwe mubibazo vyambere nibajije aho natangura kwandika kumbuga ngurukanabumenyi  mumyaka itanu iheze cari iki : « Ni igiki ufise muntoke zawe ? »

Nabajije iki kibazo mumwanya hari ikintu camfashije mukwizera kwanje. Imana yabajije Mose : « Ico ni igiki ufise muntoke? »

Kandi mu gihe yishura mu bintu vyose yarafise yari inkoni y’ubwungere, Imana ikintu gihambaye yamubwiye : « Ico kirahagije kuvyo ngomba gukora ! »

Kandi turazi twese ko akoresheje inkoni, Mose yarahambaye gushika naho yakoresheje iyo nkoni hakaboneka inzira mukiyaga!

# Kutagira ibikwiye, ntibisigura kutagira ikintu nakimwe!

Iyo dufise bike, ntitwogerageza gukora ibishoboka vyose, ahubwo twogerageza kudatakaza n’ivyo bike dufise!

__Kwagura ubushobozi bwa bike dufise nivyo twokwira @UbugwizatungaNyabwo (@RealEntrepreneurship)!

Ubu inzira yo kugwiza itunga ishika ku ntumbero ifatanye no « Gusangira ubutunzi = shared economy » uburyo bw’ub’ubudandaji(business model).

Nk’ubu murumva inkuru z’urwaruka hirya no hino kw’isi rwitayeho gutanguza ibikorwa rukoresheje ubuhinga bw’igitangaza kandi buke mu ntango, ugereranije n’ivyosabwa vyoba vyitezwe.

# Kutagira ibikwiye, ntibisigura kutagira nakimwe!

Ushobora kuba mu gihugu aho bisanzwe bidakunda kuronka ingurane, nk’iyo na cane cane iyo uri umugore. Biranashoboka ukaba uba mukibanza aho abazi ubwenge baboneka ko bafise akaryo ko kwiteza imbere ubwabo be n’imiryango yabo gusa. Ivyo biba mugihe iyo ubwo budandaji bwerekeye isi n’ibiyivamwo.

__Kuronka akazi bishobora kuba bitanakunda, kuberako atariho bari…

Ntibiguhagarike umutima!

“Ico ni igiki ufise mu ntoke?” …kirakwiye mwe n’abagenzi bawe ngo mutangure!

Ndazi kimwe kiri mu ntoke zawe: Ubu urafise terefone igezweho canke uraronka internet, iyo bitaba uko wewe nanje ntituba turiko turaganirira ngaha ! Iterefone igezweho bita smartphone (naho koba akamakeya)irakwiye ngo utangure ubudandaji. (abantu muciye ubwenge, ibi murabizi).

Ubu ninde ashobora kumbwira ku « Gusangira ubutunzi » Ubwoko bw’ubudandanji ? (abantu muciye ubwenge, nahanyu).

# Kutagira ibikwiye, ntibisigura kutagira nakimwe!

Nk’uko twabiganiriye ngaha ubwambere: Ubudandaji nka Uber, AirBnB na Tencent bwose bwubatswe muciyumviro co « Gusangira ubutunzi » Ubwoko bw’ubudandanji.

Abamiriyoneri n’abamiriyarideri bo muri afrika(abagwizatunga) muri kazoza bazoba ari abashizeho ubwoko bw’ubudandanji bwo  « Gusangira ubutunzi » kandi bagakoresha neza ubutunzi buke dusanganywe muri afrika.

Ibi mubifatireko: Amahinguriro arenga  mirongo ine kw’ijana(40%) yo muri afrika ahomba atararonka abaguzi, ibi nivyo bita ubuhombe bw’inyuma y’umwimbu “post-harvest losses.” Ari hamwe twogerageza tukagabanya ubwo buhombe, inyungu zoba igitangaza, kurengera uko twovyiyumvira.

# Iyumvire nk’umugwizatunga, iyo wize iki kibazo(nk’uwuriko arakora ubu nyene) woca ubona akaryo gashimishije. Bamwe mubavyiyumvamwo b’abagwizatunga bo muri afrika bariko barakorera muri ico gisata : “ Inzira zo kugabanya ubuhombe inyuma y’umwimbu.”

Fatira kur’ibi: Mu bihugu bimwe bimwe, hafi mirongo ne kw’ijana(40%) vy’abana barazingamitswe no gufungura nabi. Igi rimwe kumusi ryofasha gukura neza kubice mirongo ine kw’ijana(47%)!

# Ibaze iyaba twateza imbere uburyo bw’ubudandaji (nk’abagwizatunga) kugira turonke amagi canke twungukire mubikenewe biri mumagi, kwishure rimwe rimwe ryose ! Mu gihugu c’ubuhinde barafise umugambi nk’uwo wo kugerageza kuronka igikombe c’amata n’igi rimwe kubana batobato bose.

Mperuka kugendera abagwizatunga bo mu Rwanda bahingura imfungurwa z’abana bagomba gutorera umuti ico kibazo. Ndakunda urwo rudandazwa !

Hari amajana n’amajana y’ubudandaji bwiza cane buriko buraboneka mugisata c’uburimyi hakoreshejwe « Gusangira ubutunzi » Ubwoko bw’ubudandanji.

Munama y’ishirahamwe yiswe « Giving Pledge » mu myaka mikeya iheze, ntarihweje umwana yitwa Brian Chesky ari mubashinze ubudandaji bise AirBnB. Ubu aramaze kuronka nk’imiriyoni zitanu zirenga z’amadorari. Igihe twahura yaragifise nk’imiriyoni mirongo itatu, ariko umuraba abonekako akiri muto.

Ubwo ni uburyo bwiza b’ubudandaji!

__Ariko hari ikindi kintu: Umuyabaga w’umugwizatunga nka wewe ashobora gukoresha ubwo buryo mugutorera inyishu izindi ngorane zisanzwe ziri ngaha muri afrika ! Ariko utabishaka kubikora, hazoza uwundi abikora avuye muri amerika, mu buhindi canke mubushinwa kandi azobikorera kumuryango iwawe….

Ubucuruzi bwanje buterimbere ningoga kandi n’ubucuruzi bw’igitangaza buhagaze ku « Gusangira ubutunzi » ubwoko bw’ubudandaji- busambura ubwoko bw’ubudandaji bwakera.

Ni gute nk’umugwizatunga w’umunyafrika wokwiha iyi ntumbero, ukayikoresha mugutorera inyishu ibibazo biguhanze?

Nshaka twese twiteho ubudandaji bukoresha « Gusangira ubutunzi » nk’ubwoko bw’ubudandaji. Iyi niyo nzira nyayo ridushikana kuba abagwizatunga.

Ibwire uti «  Ndi kurivyo »

#Agatima_kogutora_inyishu. Jako ubu nyene!

Bizobandanya. . .

Ivyanditswe kuri facebook n’umugwizatunga Strive Masiyiwa uwashinze Econet Wireless bisobanurirwa mu kirundi na Jérôme Kazabukeye

Quitter la version mobile