Site icon Itara Burundi

Urumuri rw’amahoro rwoba ruyarondera hehe ? ava  hehe akaja hehe ? ninde ayatanga mu Burundi ?

Haraheze igihe mu Burundi hatangujwe urumuri rw’amahoro ruzunguruka igihugu cose hakanakoreshwa uburyo bwinshi bw’igihugu kugira ruhashike.

Abantu benshi baribaza igituma ubu rugeze kuncuro yarwo ya cumi na kabiri ariko amahoro akaba ataraboneka mu Burundi.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 5 z’ukwezi kw’icenda 2018 niho hatanguzwa icese muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega urwo rugendo ruzorangira kw’igenekerezo rya 14 z’ukwezi kw’icenda 2018 mu Vyerwa vya Ngozi muntara ya Ngozi Petero Nkurunziza avukamwo.

Rukaba rwatangujwe na Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu mu civugo gikurikira : ‘’Tugumye ku muzirikanyi igihugu cacu tugikorere tunacigure ».

Umuntu yihweje ico civugo harinyegejemwo ibibazo vyinshi, ninde ashaka kwigura igihugu ?

None urwo rumuri rugiye kurondera hehe ayo mahoro kuburyo hari n’abazokwigura igihugu(Gupfa)?

None amahoro azozanwa no guhagarika ubuzi bwose muntara zose ico kiringo aho ruzoca ruriko rurarengana ?

Hari ivyavuzwe na Epipode Baranywikwa, icegera c’umugwi ujejwe gutembereza urwo rumuri ngo : « Imfashanyo itangwa n’urumuri rw’amahoro abanyagihugu bakabijamwo bakarwitabira bose ni zo ndoto z’umukuru w’igihugu, kugira ahindure uburundi igihugu giteye imbere, bive mu ndoto bije mungiro »  

Birumvikana ko urwo rumuri ari umugambi wa Petero Nkurunziza ubwiwe bwa minwe kandi ko kandi atamigambi afitiye akamaro abanyagihugu kuko afise indoto ashaka ko zoja mungiro aho ubwigenge abakozi bose  bagakora aho kwiruka inyuma y’urumuri  ngo rurondera amahoro atateramere bijukiye.

Urwo rumuri  hari n’abavugako rwoba ari umuhamuro wo kugota abanyagihugu ngo babe ibijuju ntihaboneke aboniyumvira kugwanya Nkurunziza ngo aho rwoba rukomoka mu mashamba yo ku musozi kilimanjalo wo mugihugu ca Tanzaniya aho Petero Nkurunziza yoba yahaniyeyo amasezerano n’abakurambere hamwe n’abavyeyi nk’uko mu kirundi bivugwa. Aka abazi inkomoko yarwo botanga umuco kuko binyegejwe benshi.

Tubamenyesheko aho urrwo muri ruza guca hose akazi kose gaca gahagaragara kaba ak’abikorera utwabo kaba n’aka reta mugihe umushikiranganji w’abakozi n’akazi wewe akurikira mu bandi atan’ikete yigera yandika rimenyesha ivyo bikorwa n’akarusho bizanira abakozi ngo haboneke n’uwo ubwo buhombe bwojako kuko no mw’ibwirizwa nshingiro ryahinduwe atahagaragara uruhara rw’urumuri mukurondera, kubungabunga no guharanira amahoro mu Burundi

Quitter la version mobile