Site icon Itara Burundi

Uwahoze arongoye uburundi, Petero Buyoya yitavye Imana. Yishwe n’iki?

Mu makuru yerekeye uburundi ariko aravugwa muri kino gitondo co kuwa 18 kigarama 2020, ni urupfu rw’uwahoze arongoye uburundi, Majoro Petero Buyoya yaraye yitavye Imana inyuma y’imisi mike atanze imihoro mukibanza co guserukira ubumwe bwa afrika muri Mali no muri SAHEL.

Icahitanye Petero Buyoya ntikiramenyekana ariko hari amakuru avugako yaguye mu gihugu c’ubufaransa aho yari yagiye kwivuza ikiza ca COVID19 cari camufashe aho vyoba vyafatanye n’indwara y’igisukari(diabète) yarasanganywe.

Ku myaka 71, Major Petero Buyoya yaramaze, yaheruka gutanga imihoho mukibanza gikomeye co guserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika muri Mali na Sahel kugira arwanire agateka kiwe nk’uko yabishikirije ibimenyeshamakuru. Ni mugihe yariko asigura igitumye atanga imihoho aho yasiguyeko ingorane afise agiye kuzicarira kandi yizeyeko zizohera, ni inyuma yo gucirirwa umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose na sentare ntahinyuzwa y’uburundi yagirizwa urupfu rw’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye yishwe 1993 amaze amezi atatu kubutegetsi.

Petero Buyoya ninde?

Major Petero Buyoya akaba yavukiye muri komine Rutovu, intara ya Bururi, mu bumanuko bw’uburundi kw’igenekerezo rya 24 munyonyo 1949, akaba yarongoye uburundi incuro zibiri abanje gutembagaza ubutegetsi: kuva 1987 gushika 1993 hamwe no kuva 1996 gushika 2003 akaba yaramaze imyaka umunani mu gihugu ca Mali aho yaserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ngaho muri Mali no muri Sahel.

Quitter la version mobile