Site icon Itara Burundi

Burundi : Abategetsi baturuka muri CNDDFDD bariko baritekerera mu kwiba abanyagihugu.

Inyuma yo kwumva ko mubutegetsi bwa CNDDFDD buzoba inyuma y’amatora ya 2020 abategetsi bubu batazobujamwo, bamwe bwamwe bo mur’uwo mugambwe batanguye kwiba abanyagihugu ayo kwitekerera babicishije muma koperative n’amashirahamwe atandukanye yaba ayigenga canke aya reta.

Amakuru dukura mumugambwe uri kubutegetsi, CNDDFDD amenyeshako nka Club VASO (Valorisation du Sol) ariyo igezweho mukwegeranya amafaranga. Ubwambere igishingwa, iyo Club y’umugambwe uri kubutegetsi yar’iyabashingamateka, abakenguzamateka hamwe n’abakozi ba reta bakuru bakuru baturuka mur’uwo mugambwe gusa mugihe Koperative Sangwe nayo yari kujamwo abakozi ba reta, b’amashirahamwe, abikorera hamwe n’abanyagihugu bo hasi. Ariko uko imisi yagiye irahera basanze koperative Sangwe ariyo irimwo benshi ariko kubera yagiye iravugwamwo amanyanga kandi n’abatari abanyamugambwe barayishizemwo amafaranga yabo, Club VASO niko gutangura gukorera mubanyagihugu batobato nayo, ubu rero abanyamugambwe CNDDFDD ntibahema, baguma basabwa gukorera ayo mashirahamwe no gutanga intererano babwirwa ko bategerezwa kwitegura kugira abanyamugambwe bashikire ubwigenge mubijanye n’ubutunzi ariko nabo bakidoga ko batazi iyo amafaranga batanga ajanwa.
Haravugwa kandi amashirahamwe ya reta n’ay’abikorera utwabo ariko araduza ibiciro uko bukeye uko bwije, bikavugwako abayarongoye babanza kwemerera abategetsi bo hejuru amafaranga kugira bikunde begeranye inyungu z’umurengera,bazoronke ayo bitekerera.

Aha hakavugwa abapolisi, abakozi ba OBR na OTRACO batanga impusha zisabwa abagendesha imodoka n’ama moto, aho ibiciro vyaduze kurugero batari bwabone, isima ya BUSEKO igeze kubihumbi mirongi ine (40000FBU) itari kurenza 28000FBU kumufuko hamwe n’intererano ziriko zirakwa n’abategetsi batandukanye harimwo n’ukwitwa Victor Ndabaniwe arongoye COSSESONA.
Victor Ndabaniwe wewe akoraniweko n’amabanga menshi kuburyo namwe mubakora mugisata c’indero bamubonye bamubonamwo Petero Nkurunziza kubera basanzwe bava hamwe bakicurako mumararanga yegeranya aba ariwe yayamutumye.

Tugerageje kuvuga amwe muyo bamuvugako n’aya;

Hambavu ya Victor Ndabaniwe havugwa kandi François Hakizimana, umuhanuzi mubiro vy’umukuru w’igihugu akaba ariwe aserukira ishirahamwe Crowd1 Burundi na François Xavier Ndaruzaniye ari mu bategetsi b’ikibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye c’i Bujumbura, arongoye AIM Grobal Alliance mu Burundi akaba anari mubatanguje Crowd1 ndetse n’abandi benshi bakora ivyo kwegeranya amafaranga y’abanyagihugu mu mwidegemvyo ntangere kandi abanyagihuhu basemerera ntihagire igikorwa, bikavugwako abo baba batumwe bagaheza bagashikana amafaranga kubihangange vy’umugambwe uri kubutegetsi bidaheza ngo bigaragare ko birimwo.
Nk’akarorero, umushikiranganji w’umutekano CPG Alain Guillome Bunyoni yarateye ivyatsi ishirahamwe Crowd1 ndetse n’ikigo gishinzwe kworohereza abanyamitahe API kikaba cavuzeko « kwandikisha ishirahamwe ninko kwandika umwana avutse » kikavugako giheza kikabarungika kubabijejwe kugira bakore bisunze amategeko ariko nticabujijeko hari ababandanya badadaza gushikaho nk’uwo François Xavier Ndaruzaniye yifatira mugahanga uwo mushikiranganji avugako nawe afise abamukurira atariwe mugenerari wenyene, ko harimwo abandi batazokwemerako amafaranga yabo ahera muri Crowd1. Bikaba biruko mugihe na banki nkuru y’igihugu BRB, ijejwe gutanga impunsha z’abashaka gushinga amashirahamwe adandaza amahera yiyamirije urudandazwa nkurwo. Ariko abariko barakora urwo rudandazwa ari ibihangange vyegereye umukuru w’ihugu Petero Nkurunziza, abantu baca babihurumbira bizerako kubera bafise amabanga bagenwemwo atokwubahuka gukorana n’abasuma kandi ari umukuru w’igihugu.
Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi akavugako mu mugambwe CNDDFDD igituma bariko baritekerera ar’uko hari ubwoba bwinshi aho bumviyeko Petero Nkurunziza yahinyanyuye ibijanye n’uko umugambwe uzotwara igihugu inyuma y’amatora yo guhera mukwagatanu 2020, amatora babwirwa kandi bakigisha ko yamaze guhera hasigaye kwemeza gusa, bakumvako hazoterwa amaraso mashasha munzego zose zifata ingingo, rero umwe wese agaca agerageza uko ashoboye akegeranya amafaranga azomutunga atakiri mumabanga.
Tubibutseko hategekanijwe igikorane kumagenekerezo ya 23, 24 na 25 nzero 2020 azosozererwa buca haba kw’igenekerezo rya 26 nzero 2020 ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe aho bazoca bemeza uwuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, bamwe muribo bakavugako umushingamateka Persille Mwidogo yama avugako yeretswe ko atawundi atari Petero Nkurunziza azotwara uburundi gushika arushe, ko n’abandi bavugishwa bazoba batumiwe mumasengesho bashobora gutegekwa kuvugako beretswe nk’uko gurtyo Petero Nkurunziza akabandanya atwara, bikazoca bimworohera kwigizayo ibihangange vyamusumbije inguvu vyitwako yatowe n’Imana atamuntu yoyivuguruza.
Tubamenyesheko umumenyeshamakuru wa Radio Isanganiro muntara ya Karusi Blaise Pascal Kararumiye araye ijoro ryiwe rya kabiri mugasho ka komisariya y’igipolisi ngaho i Karusi yagirizwa kuvuga amakuru y’itunganywa nabi rya Koperative Sangwe ngaho mu ntara. Akaba yafashwe kumusi wejo igenekerezo rya 16 nzero 2020 inyuma yo kwumvirizwa n’umushikirizamanza wa republika muntara ya Karusi nyene.

Quitter la version mobile