Site icon Itara Burundi

#Burundi: Ihamwa ry’amasengero muntumbero yo kugumiza petero nkurunziza kubutetsi

#Burundi: Ihamwa ry’amasengero muntumbero yo kugumiza petero nkurunziza kubutetsi

Umugambwe CNDDFDD wategekanije ibikorane mu gisagara ca Bujumbura vyatanguriye muri komine Muha kuri uno wa kane igenekerezo rya 11 mukakaro 2019 aho amasengero yose yabujijwe n’imbonerakure kwugurura anategekwa gutanga amafaranga 200000 Fbu yo gushigikira ico gikorane ndetse ubuzima bw’ikomine bwirirwa bwahagaze.

Kuri uyu wa kane habaye igikorane muri komine Muha cabereye ahitwa mu Nyabugete kwa Sebatutsi muri zone kanyosha komine Muha categuwe n’umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi catumye atakazi gakorwa kiretse mu masoko aho hari abadandaza nta butike nimwe yegereye aho ico gikorane cabereye yuguruwe co kimwe n’ibiro vya reta bikorera muriyo komine. Imbonerakure zikaba zazidutse mu gikorwa co kwugaza amabutike n’amasengero yose akorera muri komine Muha aho zatangisha ibihumbi amajana abiri (200000FBu) ku gashengero kose kemewe n’amategeko yo kushigikira ico gikorane.

Mugihe mu mashengero baba bafise amasengesho canke ibindi bikorwa vyabo, bakurikijwe ukwemera kwabo, ivyo bikorane biteguwe n’abajejwe intwaro bikaba bihuza amadini yose kandi amakuru adushikira bikazobandanya bitegurwa n’umugambwe CNDDFDD gusa nkako ntabikorane bikomeye nkivyahora biba muci mumashengero akomakomeye bitangazwa. Kundwi iza ibikorane nk’ivyo bikazobera muri komine Mukaza kuyindi ndwi , kikazobera muri komine Ntahangwa buri munsi wa kane.

Munyigisho zabaye uno munsi abapasitori nka Kabura Daniel na Nzisabira Bosco bakaba bashimikiye kuvyerekeye amatora ya 2020 no gukomeza ubumwe bw’amasengero. Amakuru dukura muri CNDDFDD amenyeshako bitegurwa mu ntumbero yo kuzomenyeshako  Petero Nkurunziza ariwe yatoranijwe n’imana kugira arongora uburundi gushika yisaziye , canke akicwa n’urwakarago aho ndetse hoba hategekanijwe iyimikwa ryiwe nk’umwami nk’uko twaheruka kubibabwira.

Tubamenyesheko ivyo vyabaye mu gihe amashengero yose yo mu gihugu yarasanganywe itegeko ryo gutegura neza inyubakwa  akoreramwo bitaruko  akugarwa kandi agategerezwa gutanga amafaranga ibihumbi amajana abiri(200000Fbu) yo guterera amatora ya 2020, ivyo abatari bake mubarongoye amashengero babonako ari agatotezo kuko abakirisu bayasengeramwo basanzwe baratanze kenshi  intererano z’amatora.

Quitter la version mobile