Site icon Itara Burundi

#Burundi: Indwi yo kwandika abatari bariyandikishije ngo bazokwitabe amatora ya 2020.

Umugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora (CENI) watanguye kwandika abatari bariyandikishije ngo bazokwitabe amatora ya 2020 kuri uno wambere igenekerezo rya 09/12/2019 ukazogeza kw’igenekerezo rya 12/12/2019.

Ivyo bikorwa bikaba vyatanguriye rimwe no kumanika intonde mfatakibanza z’abazokwitaba amatora ya 2020. Abariko barandikwa akaba ari abataronse umwanya canke akaryo ko kwiyandikisha igihe uwo mugwi wandika ubwambere. Aha hakaba harimwo abari barahunze, abari bapfunzwe, abari kwiga canke bari mubutumwa butandukanye hanze.

Tubamenyeshe y’uko umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD umaze indwi iheze mumyiteguro yo « gukenyura » ibijanye n’amatora ya 2020, aho ivyo bikorwa vyasozerewe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 08/12/2019.

Quitter la version mobile