Site icon Itara Burundi

Burundi : Indwi yo kwiba amatora ya 2020: « Gukenyura ».

Munama yama iba kw’igenekerezo rya mbere ry’ukwezi mu mugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD, iyabaye kuruyu wa 01 kigarama 2019 ku mitumba bita “Inama nshingiro”, abayitavye baronse ubutumwe bwo kumara iyindwi  yo kuva kw’igenekerezo rya 02 gushika 06 kigarama 2019 bagategura kwiba amatora ivyo bise “gukenyura”.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, abagumyabanga b’umugambwe CNDDFDD batoreye hagati mu gihugu ariko bazotorera mu gisagara ca Bujumbura basabwa kwiyandikisha ku mbonerakure zashinzwe ako kazi kuva uno munsi ku wa mbere igenekerezo rya 02 gushika ejo ku wakabiri igenekerezo rya 03 kigarama 2019, abatagira  amakarata karangamuntu, nabo bakazoriha amafaranga 500F asabwa bagaca batanga impapuro barihiyeko, amafoto  passport hamwe n’imyidondoro kur’izo mbonerakure nyene gushika kuwa gatanu igenekerezo rya 06 kigarama.

Imbonerekure ntaburenganzira bwo kubaza nyene karangamuntu mugihe bazituma zitegerezwa kwakira amafoto n’impapuro zarihiweko zikazijana kubajejwe gutanga karangamuntu hanyuma zigatanga karangamuntu kuwagasavye gusa.

Ayo makuru abandanya atumenyeshako harimwo abazoja kwiyandikisha mu bibanza bitandukanye bavuga ko arivyo bazotoreramwo bakoresheje ayandi mazina kugira CENI izobasohorere amakarata y’itora menshi gurtyo bazoshobore gutorera mu kibanza c’amatora kirenga kimwe kandiko ivyo bariko bakora mur’iyi ndwi CENI itegerezwa kubishira mungiro uko nyene.

Aho twobamenyeshako uwo mugwi wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI watumyeko abadafise amakarata y’amatora kumvo zitandukanye havuyemwo abazitaye kuzotonda kwiyandikisha kuva kw’igenekerezo rya 09 gushika 12 kigarama 2019 kugira bakorerwe amakarata nabo bazotore mumatora ya 2020.  

Quitter la version mobile