Site icon Itara Burundi

#Burundi: Intererano z’amatora ya 2020, zarakwiye ariko zibandanya zakwa abanyagihugu.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashikirije ijambo kw’igenekerezo rya 01 mukakaro 2019 avugako intererano z’amatora ya 2020 zakwiye ariko nk’uko amakuru adushikira zirabandanya zitozwa ku nguvu.

Kuri uno wa 17/7/2019, haciye kumbuga ngurukanabumenyi ubutumwa bumenyeshako kumusi wa gatandatu igenekerezo rya 20/7/2019 abanyagihugu bo muntara ya #Cankuzo bazotozwa intererano kurugo kurugo itari munsi y’amafaranga igihumbi(1000FBu) nk’uko itangazo ryanditswe na Ndugi Reverien, umunyamabanga w’uwo mugambwe muntara ribivuga. 
Mubusome uko twaboronse:

« Mukomere bagumyabanga balnyererarugamba,Mbonerakure namwe Bahumure Ubuserukizi bw’Umugambwe CNDD-FDD Mu ntara ya Cankuzo burabamenyesheje ko kuri uyu wagatandatu 20/7/2019 hategekanijwe guterera amatora ya 2020 Mu mugambwe iwacu ico gikorwa kizobera mumitumba yose hanyuma bibandanirize inzu kunzu umugumyabanga muto azoterera 1000 uw’Imana yateye iteka azotanga uko arongowe n’Imana
Aba cadres baratumiwe kumitumba bavukako ntakindi gikorwa gitegekanikwe atari ico gusa ,Aho niho tuzobonera ukuntu komine yipanze igikorwa gisaba gukorana ibwira nubukerebutsi carnet de reçu zizobashikira imbere yiyo tariki Murakoze

MN: 1.Dusabwa guhanahana Ubu butumwa
2.Ubu butumwa ntiburekuriwe gukwiragizwa kuma rezo sociaux

Bigiriwe Cankuzo kuwa 15/7/2019
SP CANKUZO 
NDUGI Révérien


PO SBP ✍️✍️ »


Mubivuzeko iki?

Quitter la version mobile