Site icon Itara Burundi

Burundi : Intwaro y’imisi 100 ya Evariste Ndayishimiye, abantu barenga 650 baramaze guhungabanirizwa agateka kabo harimwo abarenga 270 bishwe.

Kw’igenekerezo rya 28 nyakanga 2020, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yarasohoye icegeranyo c’imisi ijana umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amaze kubutegetsi aho berakanye amabi amaze gukorwa ko ari menshi cane.
Mur’ico cegeranyo ayo mashirahamwe avuga ko abarenga 270 bamaze kwicwa, 22 babuzwe irengero, abarenga 302 barapfungwa mugihe 44 bamaze guhohoterwa 28 bafatwa kunguvu.

Ayo mashirahamwe amenyesha ko reta irongowe na Evariste Ndayishimiye yemejwe ko yatsinze amatora yo kuwa 20 rusama 2020 na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro mugihe umurwi wigenga ujejwe gutunganya amatora wowo wari washikirijeko ibiharuro wasomye ko bitari vyo (draft), ibiharuro vyari vyiyamirijwe nayo mashirahamwe nyene hamwe na Katorika ndetse n’abanyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi.

Mur’ico cegeranyo ayo mashirahamwe amenyeshako nubwo vyaruko abanyagihugu benshi bari bagize umwizero ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye agiye gukura igihugu mukaga kimazemwo imyaka, aho bari bibazako azokoresha ubutegetsi afise mukwikurako akarwi k’abasoda bakuru bakuru bari bakikuje umuhisi Petero Nkurunziza ari nabo bavurwako bari baboheye amaboko imugongo igihugu.
Bamenyeshako ahubwo abo basoda bahavuye baronswa ubutegetsi burenze ubwo bahorana bagatanga uburorero bwa Commissaire de Police Général Alain-Guillaume Bunyoni yahawe ikibanza c’umushikiranganji wa mbere na Commissaire de Police Chef Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika yahawe ubushikiranganji butatu aribwo intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rirama.
Ayo mashirahamwe akamenyesha ko imisi ijana ya Evariste Ndayishimiye yaranzwe no kwica abantu, kunyuruza abantu bakaburwa irengero, guhohotera abantu no gupfunga abantu kurwego rwo hejuru rutari bwakaboneke.
Ayo mashirahamwe akavugako ihungabana ry’agateka ka zina muntu, kwugara urubuga rwa politike no kubuza ibimenyeshamakuru gukora mu mwidegemvyo arivyo vyabandanije bikorwa gusumba no kuntwaro y’umuhisi Petero Nkurunziza.
Ayo mashirahamwe akarangiza raporo yayo asaba reta ya Evariste Ndayishimiye kwikebuka igapfungura abapfungiwe ubusa n’abahorwa ivyiyumviro vya politike, kwitaba ibiganiro no kureka abarundi bakidegemvya bagafatwa co kimwe ndetse banasaba abafasha uburundi kugondoza reta ikemera ibiganiro vyotuma uburundi buronka amahoro abarundi bose bakishira bakizana atamwana n’ikinono.
Twobamenyeshako amashirahamwe avugako aharanira agateka ka zina muntu yegukira ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye yoyo yemezako agateka ka zina muntu kubahirijwe ahubwo yoyo akiyamiriza ubumwe bwa buraya bugiye gufasha amashirahamwe akorera mu burundi kandi hadashizwemwo abo bashaka bose ndetse akagirako asaba umushikiranganji Gervais Ndirakobuca guhagarika ibikorwa vya CORDAID na OXFAM yari yatanguye mu mugambi PASCB wimiriyaridi zirenga 13 z’amarundi.

Quitter la version mobile