Site icon Itara Burundi

#Burundi: Mbega Imana yoba ibona politike y’umugambwe uri k’ubutegetsi ?

Inyuma yaho abasenyeri gatolika yo mu Burundi basohoreye itangazo kw’igenekerezo rya 25 kigarama 2018, umupfasoni w’umukuru w’igihugu agasenga avuga ivyo yeretswe kw’igenekerezo rya 31 kigarama 2018, Umwungera wa  ekreziya gatorika kw’isi yose, Papa Francisco nawene yaraye ashikirije ijambo ryerekeye politike.

Kw’igenekerezo rya 01/01/2019, umusi mpuzamakungu ugira 52 wahariwe amahoro, papa Francisco yaramenyesheje mw’ijambo ryiwe ryasomwe mu masengero yose yo kw’isi ko politike nziza ari iyubaka amahoro, igateza imbere ingingo ngenderwako z’agateka ka zina muntu, zituma abantu baba bamagiriranire, gurtyo abantu bubu n’abazovuka hanyuma bakangenda barushiriza kwizigirana no gushimiranira.

Yamenyeshejeko ingeso runtu ziranga igikorwa ca politike ari: Ubutungane, ingingo, ukwubahana, ukuvuga ukuri, ukutiyorobeka no kugumya ibanga.

Mugihe abasenyeri gatorika bashikiriza amajambo ajanye n’intumbero ya ekreziya kuvyerekeye politike y’igihugu barimwo, papa wewe ashikiriza politike iraba isi yose kanatsinda iryo dini rifise munyubako yaryo ukumenya politike akirisu baba barimwo rikongera rikagira uruhara rukomeye mugutsimbataza amahoro nk’uko twabimenyeshejwe n’umwe mubakirisu baryo abizi.

Ati kubona  rero abegereye ubutegetsi barasuzuguye abasenyeri bo mu Burundi  bakongera bagafata nabi ijambo ryabo ni icerekanako kwari ukuri, bikerekanwa n’uko  inyuma y’isengesho ryarimwo ukwerekwa rya Rév. Pasteur Bucumi Nkurunziza batamufashe nabi kandi nawene ari umukozi w’Imana, nk’uko yasozereye  abitubwira.

Tubajije uwanonosoye ivya politike ico yovuga kuvyerekeye isengesho rya Denise Nkurunziza nawe nyene atashimyeko tummwandika izina , yatumenyeshejeko atamuntu yohava yitega ivyiza kur’ayo masengesho kuko ashobora kuba ari umugambi wa Petero Nkurunziza wo kwigiza inyuma abomusubiriye mu kibanza c’umukuru w’igihugu .

Ati kandi ntacotangaza, arihamwe Bucumi Nkurunziza akoze nka Simone Bagbo, umupfasoni wa Laurent Badgo apfungiwe muri sentare mpuzamakungu, inyuma yo gukora ivyaha mu gihugu ca Cote d’Ivoire ari ummukuru w’igihugu caho mu myaka iheze.

ATI Simone Bagbo yari umuntu yiyita umukozi w’Imana ariko umugabo amaze gupfungwa,  nawene akaba yaciye arungikirwa umutahe mpuzamakungu wo kumufata, kubera yakunda gufasha kwumvisha abanyagihugu ibikorwa vy’umugabo wiwe, uwo muhinga akavugako mugihe hofatwa abavuzwe kuri rurya rupapuro Bucumi Nkurunziza avugako  yeretswe, hoba hasigaye kuvugako Imana yahariye abasigaye bose bakoze ivyaha, aha akibazako mu misi izoza hashobora gutunganywa ibikorane bishobora kwitirirwa gusaba imbabazi ariko abafatwa bahejeje gufatwa.

Tubibutseko abegereye umugambwe uri ku butegetsi na n’umukuru wawo arimwo bama bashikirizako umugambwe CNDDFDD washize Imana mu kibanza ca mbere mu bikorwa vyayo ariko hageze aho abakozi b’Imana bavuga ku bikorwa bibi biba biriko birakorwa hama humvikana amajambo yo kuvyita ibinyoma, ibihuha canke gurtyoza aho naho hatasotse ivyegeranyo vyerekana ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.

Hoho n’imyiyerekano ica ikwira mugihugu cose.

Ikibazo uruganda rwacu rutararonkera inyishu n’ubu n’iki gikurikira:

Mbega Imana yo mw’ijuru yoba ibona politike y’umugambwe CNDDFDD uri k’ubutegetsi?

Quitter la version mobile