Site icon Itara Burundi

#Burundi : Réverand Pasteur Dénise Bucumi Nkurunziza, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yeretswe amazina y’abicanyi yongera arayandika kenshi.

Amasengesho ya Denise Bucumu Nkurunziza :

 « Uyu musi mwiza waduteguriye wo  kugirango imigisha yari yarazibiwe ku gihugu c’uburundi yuguruke.

Uhoraho aharira ivyaha uhaba, ahari ivyaha uhatera ibitugu, natwe twaragucumuyeko mu gihugu c’uburundi, turakora ivyaha bitandukanye, kandi twa twarahanuwe na kenshi, turabwirwa na kenshi, kenshi tukanabirengako, kenshi twica amatwi ;

Ariko uyu munsi mwiza, Uhorako waduteguriye udasanzwe kugira udukize utubohore, kugira twinjire mu mwaka mushasha twakize twabohotse.

Mana yacu nziza turagupfukamiye abahambaye n’aboroshe duciye bugufi

Mwami ivyaha twakoze vyose turavyatuye. N’ukuri mu gihugu c’uburundi abapfa barapfuye, bishwe na bagenzi babo. Kubw’ishari, kubw’inzigo, kubw’urwanko ;

Mana yo mw’ijuru, kubw’ama reglements de compte(kwihorahorana) atandukanye, amaraso yarasetse.

Iki gitondo niho nasomye, amajambo avuga ngo amaraso azohorwa ayandi, ngo uwusheshe amaraso nawe ayiwe azoseswa, numva ngize ubwoba ntangazwa n’ukuntu iryo jambo urimpaye, urarisubiramwo ubugira kabiri ngo amaraso ahorwa ayandi.

Ngo uwusheshe amaraso ngo nayiwe azoseswa. Unzanira amazina y’abantu imbere yanje , numva ndatangaye (kabiri) nsanga ayo ayo mazina ndiko ndayandika, nsubiramwo amazina nongera nsuburamwo amazina, Uhoraho Mana, hari benshi basheshe amaraso .

Mwizina rya Yesu.

Turaciye bugufi dusaba imbabazi abibab barivye, n’uno musi abarunda rundanya bariko bararundarundanya,

Mw’izina rya Yesu, abatwaza igitugu, bariho, abarenganya abantu, bariho, abasambanyi baruzuye,

Mw’izina rya Yesu, abakorana inzigo, ishari, urwanko, abagenda bihora baruzuye, turaciye bugufi, ubwibone bwo mu mitima buruzuye.

Mana yo mw’ijuru, aho twaragiriwe Ubuntu, dushirwa mu bibanza kanaka, umuntu yashikayo, akagara ukamengo niwe yahishize, n’uwamu nuwamry, n’uw’Imana yacishijemwo agasigara amusuzugura, umengo ntaco amaze.

Ivyo vyose uyu musi uriko urabiraba. Uhoraho;

Mw’izina rya Yesu bikakubabaza, kw’abantu bigize abakomeye, abahambaye, abiyimitse, abihaye ivyo bafise, Mana yo mw’ijuru, uyu musi abafise babandanya kurundarundanya mbere bakarondera n’ivy’abanyantegenke, abato, bakavyikwegerako, bakanyaga n’abato, bakanyaga n’abari bafise bike,

Mana yo mwijuru, twaragucumuyeko, turaciye bugufi, aya mavi dupfukamitse k’uruyu musi, abahambaye n’aboroshe dukubise ibipfukamiro dusaba imbabazi, abakozi b’Imana turapfukamye dusab’imbabazi n aho twanjanjwe, aho tutahagaze mumyanya yacu.

Aho tutakoze ivyo twategerezwa gukora, aho twavugishijwe ibinyoma, mw’izina rya Yesu, aho twisutse mubitaturaba, mw’izina rya Yesu turaciye bugufi, turasavye ikigongwe.

Aha twaje ngaha, turi mu gishingo c’abandi barundi batari ngaha. Mwami w’abami, turagupfukamiye, erega Mwami ngo hamwe no guca bugufi, ngo nitwaca bugufi tukihana ivyaha vyacu, ngo uzoduharira, uharire n’igihugu cacu; Kandi ngo naho imvura izoba yataze, izogwa.

Uhoraho twihanye ivyaha, ntakabuza imvyura y’umugisha izogwa mu gihugu cacu c’uburundi; Mw’izina rya Yesu Christo.

Bwabutare, bwabutunzi waduhaye, kandi n’ivy’ukuri. Harageze yahoo buja ahabona, bugateza imbere umurundi wese, Atari bamwe gusa(2), Atari imigwi umwe gusa, hamwe umurundi wese ashikirwa, waradutungishije muri sous-sol (musi y’ubutaka) yacu, haragezeko bija ku mugaragaro, harageze aho bidutungisha. Harageze(3) kumbure vyagumye binyegejwe kubw’intege nke zacu, kubw’ivyaha vyacu, utubabarire(2);Hanyuma mwami, ubutare bwacu buje ahabona bucukurwe mukuri, m’urutonde rwiza.

Hanyuma tumererwe neza. Mw’izina rya Yesu Christo, ibi vy’ibitoro twabuze, birashoboka ko ibituro tubironka muri kino gihugu, tukamererwa neza.  Mwami wo mw’ijuru, tukamererwa neza(2)

Mana yacu nziza, hamwe no kwihana ivyaha, vyose birashoboka(3), rero Amaraso ya Yesu, niyo yoza ico vy’ivyaha, kandi ngo  iyo uyatubonyeko ngo ntuducira urubanza rubi, uca utwita abagororotsi.

Ndayahamahaye kubarundi bose, twebwe twebwe turi ngaha uhereye kuri twebwe tugupfukamiye, ndahamagaye amaraso ya yesu ngo atweze gose adutunganye, imbabazi zawe zitubeko;

Uhoraho, imitima ikomantaye(3) imitima y’akadada, mw’izina rya Yesu Christo, birashoboka ko uyimenagura muri kano kanya, mw’izina rya Yesu, n’iyi saha nyene, hari imitima ikomantaye, hari imitima ivuga ngo vuga ugendee(3) Ariko Uhoraho, ur’Imana, ur’inyenkomezi, uri umunyabubasha(2), uri Imana ibona, ur’Imana yumva, ur’Imana yishura, ur’Imana y’igitinyiro, ur’Imana y’icubahiro, ufise ububasha bwose, niwe soko ry’Ivyiza, niwe soko ry’ivyago

Ngo niwe soko y’impore, ukongera ukaba isoko y’ivyago, niwe soko y’amahoro, ukongera ukaba isoko y’ingorane, wewe uri vyose, wewe waremye vyose, niko ijambo ryawe rivuga.

Mw’izina rya Yesu ufise ububasha bwose, turagukuriye ubwatsi.

Ur’inyenkomezi, urahambaye, ugira neza, urashoboye, ndagushimiye ivyo ugiye gukora Mana, ndagushimiye ibihambaye ugiye gukora, ndagushimira ko ugiye gushitsa. Wewe uravuga ugashitsa, ndagushimira ko ugiye gukora; ko ugiye gukora bikagaragara. Bikamenyekanako uri Imana ivuga kandi igashitsa.

Ndagushimiye Mana nzima. Wahawaha; ko atajambo  vyavuzwe, ryasohotse, rizongera kugumizwa mu rutendeko. Oya(2) igihe kirageze ngo ushitse ivyo wavuze, igihe kirageze ngo ushitse ivyo wavuze, igihe kirageze ngo ushitse(4). Uragahezagirwa;

Mana nyene ububasha, nyenkozi, Mana igira neza,  icubahiro n’icawe, ukugira neza n’ukwawe, ububasha n’igitinyiro n’ivyawe. Niwewe uganje, mu Burundi ni wewe uganje(2).

Ndagushimiye impinduka ugiye kuzana mu gihugu; ndagushimiye imitima ugiye gukiza, imitima ugiye kubohora, ndagushimiye(2)

Mwami, kugiye kuturemamwo guca bugufi, akaba ari wewe ushirwa hejuru mu  Burundi,

Ndagushimiye ko ivyishize hejuru ugiye kubimanura, ugashira hejuru ivyicishije bugufi. Kuko wewe uri Imana y’ububasha.  Uragahezagirwa icubahiro n’icawe; urakoze ku majambo twumvise.

Urakoze(3) Icubahiro n’ishimwe bibe ivyawe mw’izina rya Yesu. Amen »

Ayo masengesho ya Denise Bucumi Nkurunziza yiriwe araca k’urubuga rwa Whatsapp ejo kw’igenekerezo rya 30 kigarama 2018 bivugwako yayasengeye ingozi ahariko habera amasengesho y’umuryango w’umukuru w’igihugu, abantu baribajije ibibazo vyinshi :

Bamwe bati ni Imana yavuze, abandi bati ni integuro y’iperereza yo kumweza ngo azobe ariwe batanga yitoze mu matora  y’umukuru w’igihugu yo muri 2020.

 Ic’umvikanye muri ayo masengesho, n’uko yarafise ubwoba bwinshi nk’uko yanavyivugigiye kandi Imana yakaze cane kubona bavugishwa ibinyoma, bakica, bakanyaga, bagasambana ndetse bakishira hejuru.

Tukabamenyeshako amajambo yavuze afitaniye isano n’ayavuzwe n’umunega wiwe, Petero Nkurunziza mu mpera z’umwaka wa 2017 aho yamenyeshako mub’ari imbere yiwe yabonamwo abiyorobetsi badakorera umugambwe mbere akaba yari yaremeye na laisser passer zo kubashikana mw’ijuru bagahurirayo.

Ntawuramenya ukuri kw’iryo sengesho mugihe atakirahinduka mu gihugu cankeko ayo mazina y’abicanyi Imana yamweretse yoba yiteguye kuyashikiriza sentare mpuzamakungu nuko bazohava bayamwaka bakandika ayandi bashaka mukibanza cayo nk’uko bamwe bavyibajije.

Kurikira amajwi na Denise Bucumi Nkurunziza:

Quitter la version mobile