Site icon Itara Burundi

Burundi : « Umugambwe CNDDFDD uriko urategura ihonyabwoko ry’abatutsi hamwe n’abahutu batavugarumwe »

Mu rwandiko rw’impapuro zibiri, rwakwiragijwe ku mbuga ngurukana bumenyi kuruyu wa 26 /11/2019 n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka, rumenyeshako hari amanama yo gutegura kwica abatutsi hamwe n’abahutu batavuga rumwe na CNDDFDD imbere yuko amatora ya 2020 aba «ibipinga na mujeri » https://bit.ly/2QO5a4l

Ligue Iteka  rivugako munama z’urutavanako zibera muntara ya Karusi, uwitwa Nestor batazira Benurire, umukuru w’imbonerakure mu ntara ya Karusi Nestor Bashingwanubusa alias Irambire, umukuru w’imbonerakure muri komine Buhiga, Phocas Sindaruhuka, umukuru wa zone Buhiga akaba n’umukuru w’umugambwe mur’iyo komine n’abandi benshi nka Remejiyo umutegetsi mukarere k’ubuvuzi ngaho i Buhiga hamwe n’iperereza aribo baba barongoye izo nama.

Inyuma yo gukarira imbonerakure munama yanyuma iryo shirahamwe rivuga ko yabaye kw’igenekerezo rya 22 munyonyo 2019, imbonerakure zayitavye ngo zahawe ingingo zine zikomakomeye :

  1. Ko hagiye kuba imyiteguro yo kwica abatavuga rumwe na CNDDFDD bose bahereye ku ndongozi, aho bamwe bazofatwa bakaburwa irengero, abandi bakanyuruzwa abandi bicwe imbere yuko amatora ya 2020 aba
  2. Ko kibujijwe ko hagira umututsi n’umwe amenya ivy’uwo mugambi yaba ari muri CNDDFDD canke uwutarimwo
  3. Imyimenyerezo ikazoba kumugoroba kandi imbonerakure zikazogenda zihindurirwa ibibanza
  4. Abahoze ku rugamba muri CNDDFDD bazokwigishwa baheze bafashe imbonerakure kuko zisa n’izananiwe.

Ligue Iteka ibandanya ivugako imbonerakure z’i Makamba zizoduganwa i Karusi mw’ijoro izo mukarusi nazo zijanwe i Makamba gurtyo bikazokworoha kwica « mujeri n’ibipinga » kuko hazogenda harasigara bakeya berekana ingo z’abicwa. Rikavugako mwen’ayo manama akoreshwa kuyagatanu mw’ijoro buca  ari kuwa gatandatu aho imbonerakure zica zikora ibikorwa rusangi.

Tubibutseko twigeze kwandika inkuru yerekeye ubwoba abatutsi bari mu makambi y’abateshejwe izabo bafise (https://bit.ly/35zpH0A) n’ivyerekeye kunyaga abarundi bahunze (https://bit.ly/35Gw2rf) mwumvirije  ikiganiro Murisanga (https://bit.ly/35DUSbg) c’iradiyo ijwi rya Amerika co kw’igenekerezo ya 18/08/2016  ryagize hamwe na Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe CDP, na Jaques Bigirimana arongoye FNL navyo bikaba vyarerekanako ubwo bwicanyi bushobora gukorwa.

Amajambo ahakana ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu gihugu kibanyi c’urwanda(https://bit.ly/35wjFh2)yashikirijwe na Pascal Nyabenda mw’itangazo ry’umugambwe CNDDFDD ryo kw’igenekerezo rya 16/8/2016 akiwutwara imbere yuko aba umukuru w’inama nshingamateka hamwe n’amajambo abiba urwanko yama avugwa n’abategetsi batandukanye rimwe na rimwe mumvugo ihinyitse aho abatutsi babita Mujeri, abahutu nabo batavuga rumwe bakabita Ibipinga, abahinga baravugako ari ibimenyetso vyo gutegura ihonyabwoko(Genocide).

Quitter la version mobile