Site icon Itara Burundi

#Burundi: Umushingamateka Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDDFDD, ntacidegemvya.

Amakuru dukura mu begereye Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi, umushingamateka Hussein Radjabu, avugako aheruka gufashwe n’abajejwe umutekano mugihugu ca Tanzaniya muminsi iheze agapfungwa yagirizwa guhungabanya umutekano w’impunzi z’abarundi.

Mu gihe hamaze amezi atari make impunzi z’abarundi ziri mugihugu  ca Tanzaniya na cane cane iziri mw’ikambi y’impuzi y’induta zirara ntibuca kubera ibitero vy’abagizi banabi aho vyagiye biravugwako boba ari abarungikwa n’ubutegetsi bw’i Gitega ndetse n’amazina y’imbonerakure amwamwe akaba yaravuzwe , amakuru dukura ku begereye umushingamateka Hussein Radjabu atumensha ko aheruka gufatirwa murico gihugu n’inzego z’umutekekano agapfungwa yagirizwa ko abarundi bafatanywe ibigwanisho murico gihugu bamenyeshejeko ariwe abarongoye.

Tubamenyeshe ko umushingamateka Hussein Radjabu ari mubagwanye urugamba rwa CNDDFDD ukiri mw’ishamba kandiko bivugwako afise abanywanyi batari bake muri uwo mugambwe uri kubutegetsi ndetse n’abashingamateka bashika 22 bakaba barakuwe munama nshingamateka umwaka apfungwa ndetse akaba yanavuzeko ariwe akiwutwara  inyuma yaho atorokeye ibihero muntango z’umwaka wa 2015.

Tubibutseko munyuma yahavuye atangaza ko afise umuhari ugomba gukura Petero Nkurunziza ukoresheje umuheto aho yanavugako yinjira agasohoka mu Burundi atankomanzi.  

Quitter la version mobile