Site icon Itara Burundi

Agateka k’abakirisu kariko karahonyangwa n’umugambwe CNDD-FDD mu Burundi, #SOSChrétiens

Abarongoye umugambwe CNDDFDD usanzwe utwara uburundi bamaze igihe bagomba kwihindura intumwa zidasanzwe z’imana mukwizera gushasha.

Kuva mumwaka wa 2017 aho habereye igikorane c’imisi itatu mu ntara ya Gitega, Petero Nkurunziza agasomwa muri bibiliya itarasohoka ngo imenyekane izina ryayo, hakongera hagashingwa ikibuye gipima itoni zitatu ngo kizobe icabona nk’uko Nkurunziza nyene yavyivugiye, akanasaba ko abagumyabanga bose bari batonze aho hantu botahana amabuye nk’icibutso c’uwo musi, umugambwe CNDDFDD waciye utangura gufata intumbero nshasha yo kwiyitiranya n’idini.

Harashinzwe umusi wa kane mundwi ngo ube uw’masengesho yo kwisonzesha, aha rero ibibazo bikaba ari vyinshi kubarundi benshi uko akazi ka reta koba gakorwa uwo musi, tuziko hari abagumyabanga benshi bafise ubuzi bwinguvu butokorwa n’uwutafunguye ndetse hakaba hari n’abagwaye ingwara zituma umuntu atisonzesha ariko itegeko rikaba ryavuye hejuru ryo kwisonzesha atanumwe rikuramwo.

Ikindi cabonetse ni ijambo « Aberanda » ryakoreshejwe n’umwe mubatware batowe mugihe c’imbere y’imyiyamamazo y’amatora yo guhindura ibwirizwa nshingiro ya 17/5/ 2018, aho yise abagumyabanga ko ari aberanda, abataribo nabo bakitwa abagizi ba nabi, ibipinga n’ibindi, muri make abapagani

Ejo bundi reta ikoranye yeguriye itongo riri i Gitega ndetse ririmwo n’inyubakwa za reta  uwo mugambwe CNDDFDD ngo wukwubakemwo inyubakwa z’amanama, imisi mikuru hamwe n’izo gusengeramwo, bikumvikana neza ko CNDDFDD isigaye ari idini.

S’ivyo gusa Evariste Ndayishimiye arongoye uwo mugambwe aheruka gushiraho umugwi ahanini ugizwe n’ibihangange munzego z’igihungu no mumugambwe ngo bazorongore igikorwa c’amasengesho, aha ibibazo bikaba ari umurengera :

Umugambwe uri kubutegetsi woba urekuriwe n’amategeko gukora nk’idini ?

Umugambwe CNDD-FDD wobaye idini hoho ntiwokukira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu n’inyigisho zogukundisha igihugu aho ayandi madini n’imigambwe bitwarirwa ?

Umugambwe CNDDFDD woba ufise amategeko arengeye ibwirizwa nshingiro kuburyo ufata ingingo zerekeye ukwemera kw’abarundi bisanzwe bizwi ko bifise abavyihebeye ?

Ni igiki coba cinyegeje inyuma yo gufatira ingingo zijanye n’amasengesho mu mugambwe ?

Mbe hoho akakirisu basanzwe bari mumadini atandukanye nka Katorika, anglikane, Pentekote, EZEBU, FECABU, Adventiste n’ayandi basanzwe bari muri CNDDFDD, bazoyoborwa mumasengesho n’umugambwe ivy’amadini bavyihoze canke bazogarariza amadini nivyashika ukwemera gushasha ntiguhuze n’ukwari kuhasanzwe ?

Mbe ko petero Nkurunziza yama agabisha abatamwemera ngo bazohura n’imana, iyo mana n’iyahe ?

Uwundi yariko aritangaza kumwe bahora bavuga ngo « Mana yanje ! » we ati « Mana y’i Ngozi ! » ariko abandi bonibaza icoba cimirije kuba mumadini aho abakirisu bazoza gutegeka abapatiri canke abapasitori ukuntu basenga n’akarimbi batorenga.

Tubibutseko umugambwe CNDDFDD wahaye Petero Nkurunziza ikibanza c’imboneza yamaho y’abagumyabanga mugihe yavuzeko Imbonerakure yambere ari Imana mushobora vyose bizwiko ariwe atwara imbonerakure 

Uko biri kose agateka k’abakirisu kariko karahonyangwa amakungu arorera

Quitter la version mobile