Ukwibuka incungu yo kwikukira kw’uburundi,umuganwa Ludoviko Rwagasore

Mu #Burundi ibirori vyo guhimbaza imyaka 58 iheze incungu yo kwikukira, Umuganwa Ludoviko Rwagasore agandaguwe bizoba kw’igenekerezo rya 14/10/2019 bikaba bitazosubira gutanguzwa n’imisa muri Ekleziya Katorika uko vyahora. Hategekanijwe igisabisho c’amadini menshi kuvyibutso vyiwe.

Amakuru dukura mu Rwanda, kw’igenekerezo rya 13/10/2019 niho harategekanijwe imisa yo kwibuka iyo ncungu y’uburundi ku mpunzi z’abarundi muri paruwasi Christus i Remera i Kigali aho inyuma y’imisa abazobishobora bazohurira ahantu « munsi y’igiti » bumvirize amajambo akanye n’uwo munsi.

Tubamenyesheko uyo munsi ushitse reta y’uburundi ifitaniye imigenderanire itari myiza n’amadini yemewe n’amategeko amwamwe nka Katorika, Pentekoti, abasabato n’ayandi arinaco giishobora kuba ari intandaro y’igisabisho c’amadini menshi.

Mumakuru azokurikira tuzobabwira uko Ekleziya katorika igiye gutotezwa.