Burundi : CROWD1, ubusuma bwo ku rwego rwo hejuru buzwi n’ubutegetsi.

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11/01/2019, haruguruwe i Bujumbura kumugaragaro urudandazwa rukorerwa ku buhinga ngurukanabumenyi ruteye amakenga.

Urwo rudandaza rwitwa Crowd1, ruserukirwa imbere y’amategeko na François Hakizimana, umuhanuzi mubiro vy’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, rukaba rwatanguye mu Burundi mukwezi kwa gatandatu 2019 nk’uko bishikirizwa François Xavier Ndaruzaniye umwe mubanywanyi barwo, anarwamamaza cane aho yavyanditse kurubuga rumwe rumuhuza n’abandi.

Kwinjira muri Crowd1 umuntu akaba atanga amafaranga y’amarundi atari munsi y’ibihumbi amajana ane(400000FBU) agize umutahe umwe(1action), umuntu akaba yemerewe kutarenza imitahe 25, ni ukuvuga imiriyoni cumi z’amafaranga y’amarundi(10 000 000FBU), abatanguye kwinjira ngo bakaba bamaze kugura imiduga n’amazu mumwanya muto nk’uko vyashikirijwe na Godefroid Ndabatezimana, umunyamabanga mukuru wa Crowd1 imbere y’abamenyeshamakuru kuwa gatandatu uheze, aho yongerako ko Crowd1 ari « Rufutamadeni »

Bikavugwako urwo rudandazwa rwinjiwemwo n’ibihangange munzego z’igihugu; nk’abashingamateka, abasirikare n’abapolisi bo mi rwego rwo hejuru, abadandaza bakomakomeye n’abandi, François Xavier Ndaruzaniye, muri nya rubuga akaba yavuzeko inzego zose zo mugihugu ziruzi kuko arinazo zatanze impusha zibemerera gukora ku mugaragaro, n’urwatanzwe mu kwugurura urwo rudandazwa kuwagatandatu kuri Nyabagere Conference center mu Kamenge rurimwo. Kuri uyo munsi naho bahejeje kwugurura ibirori abavyitavye baciye bagira urugendo rwabavanye mu Kamenge gushika kuri White Stone (Kwa Domitien) hagati mu gisagara ca Bujumbura, ndetse imiduga irenga mirongo ibiri n’inzu bikaba vyarahawe abanywanyi bakoze bigashimwa muri Crowd1 nk’uko amakuru adushikira abivuga.

Ikinyamakuru Itara Burundi, kikaba cagerageje kurondera kumbiga ngurukana bumenyi urugero urubuga Crowd1. com ruvugwako arurwo i Dubaï rwoba rwizeweko aho casanze ruri k’urutonde rw’imbuga zubusuma bita SCAMs, aho twasanze rutarenza ubwizigirwa bwa 1% mugihe urubuga rwizerwa ruba rukwije ubwizigirwa 100%, raba igicapo aha munsi.

Igicapo c’urugero Crowd1.com rwizeweko

Tubibutseko twigeze kwandika inkuru zivuga ubusuma nk’ubwo bukorwa n’abantu bitwaza ububasha bafise muri reta canke mumadini yegereye ubutegetsi bwa CNDDFDD kandiko ibanki ya Republika y’uburundi BRB yigeze gutanga itangazo aho yiyamiriza urudandazwa rw’amafaranga aca kumbuga ngurukanabumenyi ariko abakora urwo rudandazwa baca baguma bahindagura amazina abantu bakibazako ari ibintu bishasha ariko ari ubusuma nka bwabundi.

Uwo François Xavier Ndaruzaniye, ikinyamakuru Itara Burundi camurondeye, tumaze kumwidondora akaba yatubwiyeko ataburenganzira afise bwo kuvugira Crowd1, ko tworondera uwuserukira iryo shirahamwe imbere y’amategeko, uwo nawe rukaba twashoboye kuronka numero ziwe turamurondera ariko akaba atashimye kutwishura. Tukaba twumviseko ari umuhanuzi mubiro vy’umukuru w’igihugu yitwa Français Hakizimana, nawe nyene azwi mur’udandazwa rw’ayo amafaranga atemewe na BRB muri kahise ka hafi.

Amakuru adushikiriye mukanya atumenyeshako igipolisi gihejeje gufata abantu bababa 200 bari kuri AROME mugisagara ca Bujumbura, biga ibijanye n’urwo rudandazwa ruteye amakenga abatari bake kibajana buzuye ama duso aho tutashoboye kumenya ivyabo. Ni inkuru tuzobabandaniriza