Burundi : Imboneza kibirengeye mugukunda igihugu Petero Nkurunziza yishwe n’iki ?

Burundi

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yitavye Imana kw’igenekerezo rya 8 ruheshi 2020 mu bitaro vy’i Karusi gushika ubu ntiharamenyekana ibijanye n’urupfu rwiwe. Umuhisi Petero Nkurunziza akaba yaronkejwe agateka gahambaye ko kwitwa Imboneza kibirengeye mugukunda igihugu c’uburundi mw’ibwirizwa ryashizweko umukono n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kur’uyu wa 4 ruhenshi 2021 ndetse n’umusi wamuhariwe ukazohora uhimbazwa kuwa 8 ruheshi uko umwaka utashe.

Mugihe itangazo ryasohowe na reta kuvyerekeye urupfu rwa Petero Nkurunziza kw’igenekerezo rya 10 ruheshi 2020 rivugwamwo ko « umutima wa Petero Nkurunziza wahagaze » , umwaka uraheze atamatohoza abaye ngo hamenyekane icatumye umutima w’umukuru w’igihugu uhagarara. Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu w’ico gihe Dr Thaddée Ndikumana arinawe akiri mumabanga bivugwako yari yegereye umuhisi mumasaha yiwe yo kurangiza urugendo rwo mw’isi akaba ariwe yategerezwa kwemeza urupfu rwiwe akanabitangaza nawe akaba yemejeko umutima wa Petero Nkurunziza wahagaze atavuze icawuhagaritse.

Umwe mubanywanyi b’umugambwe CNDDFDD akaba yemenyesheje ikinyamakuru Itara Burundi ko bategerezwa kuzomenya ukuri kucahitanye umuhisi Petero Nkurunziza , yakoresheje aya majambo : « Ntivyumvikana icatumye baduhisha urupfu rw’imboneza yacu imisi ibiri yose tugatangura kuvyumvana abari hanze y’igihugu. Bategerezwa kuba bafise ico baduhishije. Hari umuntu apfa umutima ntuhagarare ? Umuti uracariko uravugutwa uzobibona.»

Intwaro ya Petero Nkurunziza na cane cane ikiringo ciwe canyuma yapfuye atarangije ngo abisikanye n’umamusubiriye, caranzwe n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu nk’uko amaraporo atandukanye y’amashirahamwe mpuzamakungu n’ayabarundi yagiye aravyerekana ndetse na sentare mpuzamakungu ikaba iriko iratohoza kumabi yakozwe kuva 2015. Uburundi bwarafatiwe ibihano n’amakungu, ubutunzi bw’uburundi burasubira inyuma , abarundi bababa ibihumbi amajana atanu barahunze igihugu harimwo abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru n’ubu bakaba hakivugwa abarundi barenga ibihumbi amajana atatu bakiri mu buhungiro, abarundi barenga ibihumbi cumi barapfunzwe n’ubu iyabata ikigongwe ca Evariste Ndayishimiye baba bakiriyo bose, ibihumbi barapfuye, amajana araburirwa irengero, ivyo vyose hari abatabonako umukuru w’igihugu Petero Nkuzunziza yarakwiye kuba imboneza mu gukunda igihugu harimwo abashingamateka barenga mirongo ibiri banse kwemeza iryo bwirizwa twababwiye.  

Tubamenyesheko kugira umuhisi Petero Nkurunziza ahabwe iryo teka ryo kuba Imboneza kibirengeye vyatanguriye mumugambwe CNDDFDD aho wamugira  Imboneza kibirengeye yamaho « Guide Suprême Eternel » mu kwagatatu 2018  munyuma akaza gusinya itegeko mu kwa gatatu 2020 ryo kwigira imboneza kibirengeye mugukunda igihugu c’uburundi arinaryo ryasubiwemwo kur’uyu wa 4 Ruheshi 2021 n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ahinduye zimwe mungingo zari ririgize.